Twige kunezereza Imana: Ubutumwa bwo ku wa 02/11/2019

Twigwe kunezereza Imana

Gute twogira umutima unezereza Imana? Kuko Imana inezerezwa nuko ishengero ryayo ribaho mukuyihimbara no mugukora ivyishaka. Icubahiro cayo kikaba mubantu bayo. Ivyakon. n’Intumwa 13 : 21.23. Imana yatoranije Dawidi nk’umwami wa Isirayeli kuko yabonye umutima wiwe. Ibona nuko azokora ivy’umutima wayo ugomba. Suko yarumugororotsi ariko yarafise umutima uciye bugufi , umenetse,  kandi ujanjaguritse, wihana kandi ugahimbaza Imana yiwe igihe cose. Yakunda Imana y’Abisirayeli cane agakora ibiyihimbara kandi bikora ku mutima wayo. Yarafise gushimira Imana muri we kuvyo yamukorera vyose kandi akanayibutsa nivyiza vyose yagiye ikora mubamwiyangiye imbere. Bigatuma yama afise indirimbo sha. Zaburi 111: 1-5 & 10 Imana ntiyamukunda kuko yishe Goliyati kuko we yarazi neza kwari Imana yamukoresheje, kandi nawe ubwiwe sico yishimira, ahubwo yibuka ibikogwa bitangaje Imana ikora. Niyo acumuye yatakambira Imana ngo ntimukureka Mpwemu wayo Yera. Zaburi 51 : 7 -17.

Abaheburayo 11: 4-6 & 24-27 Haratubwira ababaye abahizi mukwizera, ataruko bari abagororotsi, ariko bakora ivy’Imana yabo igomba , bigakora kumutima wayo nayo ikabishimira. Bari babayeho ubuzima buyihesheje icubahiro, kandi bakanezerezwa n’ukugendana n’Imana yabo no kuyibamwo. Mose yahisemwo kugiriranigwa nabi n’abantu b’Imana. Abonako kutyokoranwa na Kristo arubutunzi burengeye kuguma mu bihimbaro vy’ivyaha vyo muri Egiputa, yitwa umwana w’umukobwa wa Farao. Imana ishima umutima wiwe kuko yayihimbaye.

Mugutoranya kwayo ntakindi ishira imbere atari umutima iraba, nkuko yabikoze mugihe caba Stefano, batoregwa kugaburira abapfakazi. Ivyak n’intum. 6: 3-5 & 8-10 & 51-53 Stefano yari yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera n’ubwenge. Nico gituma bariko bamucira urubanza yahagarara ashingira intahe ijambo ry’Imana ivyagiye bikoreka vyose, akanabemeza yuko na Yesu Kristo bamwishe kub’Imitima yabo ikomantaye, kwarintakebwa zo mumutima. Yarafise umutima wamatanye na Yesu Kristo. Kandi n’ubwenge bwiwe ntibamutsinda.

Abantu igituma batsindwa nuko bagira ijambo ry’Imana ryinshi ariko ritagiramwo Mpwemu Yera. Bigatuma icubahiro c’Imana cimuka mu mashengero y’Imana. Imitima yabo ntiyitandukanya n’isi ahubwo itwarwa na yo. Abandi bakagomba kumenywa n’isi bagakora ivy’isi igomba. Ariko abagomba gukundwa n’Imana bakora ivy’Imana igomba. Abo irabishimira ndetse ikabaha impera. Itanguriro 5 : 22-24     Itang 6: 9-12 Henoki yagendana n’Imana . Noa yumvira Imana akagororoka kandi ab’isi bose bari bamaze kwononekara. Bahaye imitima yabo Imana Mpwemu Yera abana nabo, Henoki Imana iramudugana, Noa atabagwa n’umuryango wiwe wose kubaba mw’isi bose. Ivyutwara mumutima nivyo bizogena kw’ijuru rikunezereregwa canke ritakunezereregwa. Abaheb. 13 : 7-9 Dufise ivyitegererezo bizima vyahimbaye Imana, tuvyigireko kugirango tugendane ubugingo budashira. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s