Imigabo Imana ifitiye abantu bose n’ukubagirira ubuntu: Ubutumwa bwo ku wa 26/10/2019

Imigabo Imana ifitiye abantu bose n’ukubagirira ubuntu.

Abaroma 11: 25-32

Imana irashaka tubanze tuve muvyo turimwo idushire muvyo yaduteguriye kandi arivyo bitubereye. Abantu bose bari bugaraniye mu vyaha, ariko imbabazi zayo zazanywe na Yesu Kristo yaje kudukura mu vyaha. Yaje kuduhamagara no kuduha ingabire zo kubaho mukugenda turama imbuto twongera tuyihesha icubahiro. Ab’Isirayeli bagararije Imana, bituma abari abanyamahanga nabo bagirigwa ubuntu bwo kumenya agakiza. Kugirango ihinduka ryabo rizotume Abisirayeli nabo bababarigwa ivyaha  nkuko Uhoraho yabasezeraniye.

1 Abami 19 : 19 21  &  2 Abami 4: 3-7 Elisa yarumutunzi afise inka zirima, abayeho neza cane n’urugo gwiwe. Ariko ntiyari mumuhamagaro wiwe. Imana imaze kumutumako umuvugishwa n’Imana Eliya akamusanga aharimisha inka ziwe. Yamutereyeko umutamana wiwe gusa arigira. Aca aramukurikira, agumana nawe agenda amukorera kugeza Eliya adugijwe mw’ijuru. Yaramwomye inyuma gushika aronse ico yagomba . Aronka ingabire za Eliya zikuvye kabiri. Abera umugisha benshi cane  nkuko yawubereye uwo mupfakazi baje kumunyaga abahungu biwe. Kandi abera umugisha abantu benshi ndetse n’igihugu ciwe. Kuko yari muc’Imana yamuremeye. Imana yabanye nawe cane kuko yari mumuhamagaro wiwe. Nico gituma yakoreshejwe ibikomeye cane.

Mariko 1 : 14-20  & Ivyakozwe n’Intum. 22: 10-21

Yesu Kristo yatoranije intumwa abasanze mumirimo yabo ya misi yose, mu bikogwa bibatunze. ariko abahamagaye ngo bamukurikire, bakamukurikira kuko Mpwemu Yera yari muriwe. Bagasiga imiryango n’ubuzi bakora, Baba intumwa za Yesu, bakoreshwa ibikomeye kuko bari m’umuhamagaro wabo Imana yabagereye. Na Paul nawe bahuye agenda apfuhagira inzigo, aja kwica abashingira intahe Yesu Kristo. Ariko amaze guhura na Kristo, yagenda ashize amanga kumushingira intahe no kwemeza abantu Yesu Krito kw’ariwe mwana w’Imana. Yakoreshejwe ibikomeye abantu benshi cane barakizwa kuko yakobeje mu kibanza Imana yamuhamagariyemwo.

Yesu Kristo yaje kudukura mu vyaha kugirango tugire identite y’abacunguwe. Kuko identite niyo itandukanya umuntu n’abandi. Uko tubaho, uko tuvuga, uko twitwara, ivyo tubamwo naho tugendera vyose biranga notre identite. Kuko Yesu Kristo yaje kudukura muvyaha ngo tube abera nkuko Data wo mw’ijuru aruwera. Kuko ishengero ry’Imana ari umugeni wa Kristo nico gituma dutegerezwa kuba abera nkuko Data wo mw’ijuru aruwera. Ntakizobuza gushika ic’Imana yakugereye niwagendera mumuhamagaro wawe. Muburyo bwa Mpwemu canke mu migisha yawe. Vyose Izobigushitsako igikuru n’ukwumvira. Amen. Ab’i Kolosayi 1: 9-10

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s