Dukizwe kandi tubohoke gose : Ubutumwa bwo ku wa 05/10/2019

Dukizwe kandi tubohoke gose.

Gukizwa ni kimwe, kubohoka n’ikindi. Kuba mu bintu vy’Imana s’ibintu vyo gukinisha. Ariko ukwiye kuba umusilikare w’ukuri ataneshwa mu ntambara. Hari nigihe bigusaba kumera nk’icihebe munzira ya gukurikira Yesu Kristo, kuko bigusaba kwiyanka, ugaha umutima wawe Imana.                    Rusi 1 : 6-18

Igihe Elimeleki n’abahungu  biwe bari bamaze gupfira mugihugu c’i Mowabu iyo bari barahungiye. Nawomi yamenyeko Uhoraho yagendeye abantu biwe b’Abisirayeli akabaha ivyo kurya. Nawomi yigira umugambi wo gusubira mu gihugu c’iwabo. Ariko yinginga abakazana biwe kugirango basubire mu mazu ya ba se no mumiryango yabo, arabahezagira cane ngo baze baronke abagabo, bavyare n’abana, kuko yarabakunda cane. Yari yarabohotse vy’ukuri, kuko yifuriza ineza gusa abakazana biwe ndetse akabita abakobwa biwe. Akabasabira imigisha, naho batari baravyaranye n’abahungu biwe ngababoneko abuzukuru. Orupa yaremeye arasubira inyuma ariko Rusi we aguma kuri inabukwe akaramata.

Yarafitiye inabukwe urukundo rwinshi yemera kujana nawe, ati ahuzoja niho nzoja, igihugu canyu nico gihugu canje, ahuzogwa niho nzogwa nanje bahampambe. Ntakindi cabitumye ataruko yamubonyemwo ikintu special, ariyo Mana y’Abisirayeli yabigishije baje murugo gwiwe kandi bakayimubonamwo. Ndetse no mumvugo yiwe. Nawomi ntaco atakoze ngwamuce intege, amwihebuze ariko we aranka.

Natwe uko niko Imana yo mw’ijuru idushaka. Ishaka ko tuyikurikira ata nyungu z’umubiri tuyizigako canke atabindi vy’isi tuyishakako. Atarubugingo budashira gusa. Rusi yarafise umutima nkuw’Imana idushakako. Ibibazo ntivyamuciye intege, ingorane ntizatumye asubira inyuma, ubupfakazi ntibwamutesheje Imana yamenye.  Ivyo vyose decision (umwanzuro) yari yafashe ntana kimwe yemereye mgo kiyimukuremwo. Dukeneye urwo rukundo kurukunda uwadukunze ariwe Yesu Kristo.

Risi 2 : 1 & 4-13     Bamaze gushika i Betelehemu iyo bahunze bava, Nawomi n’umukazana wiwe babakiranye umunezero mwinshi kuko baramukunda cane. Bamaze y’imisi,  Rusi asaba inabukwe gw’aje guhumba aho abagenyi bariko baragenya. Aramwemerera we apfa kugenda atazi umurima aja guhumbamwo, ariko Imana yo kuko ariyo ihemba ibikogwa vyiza vyose umuntu akorera aha musi y’ijuru. imutumbereza mumurima wa Bowazi aho izomuhera umugisha. Yari umuntu w’umutunzi kandi yubaha Imana cane. Aja kuraba abakozi biwe aho bariko baragenya, yabahesha umugisha mumvugo yiwe, akabaturako. Amaze kubabaza uwo mukobwa abona atamuzi, bamubwira ivyiwe n’uwariwe kwariwe yazananye na Nawomi. Nawe aramuhezagira, Rusi nawe aca bugufi arashima. Nkuko kandi yaca bugufi mukwumvira inabukwe ariwe muvyeyi yarafise.

Imana imumuhezagizako umutware, amubera umugabo amuvyarira umwana yitwa Obedi, ariwe sekuru wa Dawidi. Nawomi nawe aba umurezi wiwe. Rusi 4 : 17. Umuntu wese akiriho amahigwe yo kugirigwa neza n’Imana aba akiyafise. Uhoraho arahemba kandi ahemba neza. Nawomi yagumye ku Mana yiwe ntiyayihevye ngo yivange n’abanyamahanga. Rusi umukazana wiwe ntiyamutaye ngwayiveko bose bagira umugisha ukomeye cane. Reka duteshe agaciro ivyo vyose bitubuza kubohoka gose. Ariho hatubuza kwuzura n’Imana Akaba ariho wa mubi adutereramwo. Tugire umutima umaramaje gose muri Yesu Kristo. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s