Twemere Imana idusubize mw’iforoma yayo.
Igihe cose Imana yiyumvira umuntu yaremye mw’ishusho yayo. Niwe iguma yitwararitse. Yeremiya 18: 1-6 Uko Imana yatumbereje Adamu na Eva siko bagumye. Satani yarabahenze barononekara. Umuntu Imana yaremye mw’ishusho yayo, we yambara iyindi shusho.
Abantu bari nk’ibumba mu biganza vy’Imana. Igaheza ikababumba ukwishaka. Ariko kugirango idukore iduhitishamwo, umuntu akiyemerera ubwiwe. Yaturemye mw’ishusho yayo, ariko umuntu atakaza intumbero, ariko iravuga iti nzomusubiramwo. Ariko wewe wemeye uti ndi hano ndemeye, ukemera ubugwayi bwawe, ukavuga aho wononekariye. Nico gituma yatugereranije n’ibumba riri muntoke z’umubumvyi. Ezekiyeli 36 : 25-27 Ezek. 37 : 1-10
Ezekiyeli yeretswe ingene umuntu yononywe n’isi Imana yaduteretsemwo, Imana iramubwirako umuntu yaremye itegerezwa kumusubiramwo. Yamwiyeretse nk’umuganga atwara umuntu muri operetion. akamubaga akamukuramwo ubugwayi, akamuhindura muzima. Imana itwaye muri Mpwemu, ikamuzungurutsa ahari amagufa yumye, yamubajije kwayo magufa yoba mazima ati Mwami niwewe wobimenya!! Kuko nk’umwana w’umuntu yabonako bidashoboka, akababonamwo umubiri mwinshi, kandiko bihaye isi ngwibakoreshe. Ariko Imana yo yamubwiye iti ndabazigamwo ingabo zikomeye, ibikoresho vyiza kandi vyicubahiro. Kugirango abantu bayikorere borohewew bitabavuna, banezerewe, bagendera mu vyagezwe vyayo.
Yesaya 6: 1- 8 Yesaya yaremeye ubugwayi bwiwe, amaze kubona ubwiza bw’Imana, ariko ntiyashobora kuyihimbaza kubw’icaha camuriko. Akoma induru aremera ko yanduye kuminwa yiwe. Imana irungika Umumalayika amugirira Operation ku munwa, amukozako ikara yokoje Ikimamo. ahumanura akanwa ka Yesaya. Araheza yumva ijwi ry’Imana aritaba ati ndihano ntuma. Haricudashobora gukora kubw’icaha kikurimwo. Reka Imana ikugirire operation, igucure gushasha, ikugire muzima. Kugirango itunga ry’impano yagusizemwo zibone ingene zikora.
Harabantu bariko barayikorera batahuye na Yesu Kristo ngabashire mw’iforoma yiwe. Ntahandi Atari kuba munsi y’umusalaba wiwe. Niyo foroma Imana iducishamwo tukamera nkuko igomba. Ntayindi nzira izodushikana mw’ijuru atar’Umusalaba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ab’i Galatiya 6: 14-16 Niwo Intumwa y’Imana Paul yirase nkuko wewe nanje atakindi dukwiye kwirata atari Wo. Niho dukura umwambaro wera, ntube umunyedini ahubwo ukagira agakiza kazogushikana mw’ijuru.
Imana yatugereranije n’ibumba kuko ahurisize niho urisanga. Riri disponible. Riroroha, uribumbamwicushaka, ukarigenzukushaka. Natwe dukeneyeko Mpwemu Yera atujana ahwashaka, akadukoresha ukwashaka. Ntirikakaraye, riri flexible, riri influansable, uritwara ukushaka, riri fragile. Emera umusalaba wa Yesu Kristo ukugonde niho uzoshobora gukoresha impano zawe, ukamera nkuko Umuremyi wawe agushaka. Amen.