Guhishurigwa Yesu Kristo n’urukundo rwiwe : Ubutumwa bwo ku wa =7/09/2019

Guhishurigwa Yesu Kristo n’. urukundo rwiwe.

Yesu Kristo yaje ngo tumumenye tumenye n’urukundo adufitiye. arigwo gwamutumye aza kuducungura. Ntidushobora kurutahura canke ngo turumenye neza tutaretse Mpwemu Yera ngwaze kurudutahuza no kuruduhishurira. Yesaya 53 : 4-6 & 11    ; Yohana 1 : 10-13 &16-18. Yesu Kristo yatweretse urukundo rwiwe rwinshi adufitiye mukudupfira turi abanyavyaha. Ababazwa urupfu rubi cane kugirango adukure mububata bwa Shetani bw’ivyaha n’ibicumuro twarimwo. Ariko vyose avyishirako kugirango nitwamwakira natwe aduhe ububasha bwo gucika abana b’Imana. Kandi tubeho atarubanza rukudutsinda kuko twamwakiriye tukamumenya. No mumibereho yacu , ubuzima bw’uwamenye Yesu Kristo burerekana urukundo ukunda Imana, burerekana umutima umufiseko.

Kuvayo 19: 3-6  ;    Yohana 7 ; 19 Imana yahaye Mose ivyagezwe kugirango ubwoko y’irobanuriye bubigenderemwo. ariko ntivyabubatse canke ngo bibarinde. Ahubwo babirengako igihe cose ndetse bagacumura ku Mana kubwo kutayumvira. Ariko Mose we yarafise guhishurigwa neza Imana y’Abisirayeli nokuyimenya. Nico gituma bayicumuyeko bakibumbira igishushanyo bakagisenga ngo nico cabakuye muri Egiputa, uburake bw’Imana bukabaziriringira ikagomba kubahonya. Mose we yaciye yitantamurirakwimpwuzu ziwe, yinginga Imana ngo ntibarandure kuko bayicumuyeko , ahubwo ibababarire kuko Abany’Egiputa bokwiyumvira ngo yabazanye kubicira munzira. Imana yaramwumviye kuko yagize umutima w’imbabazi kandi agira urukundo ruvuye ku Mana rwo gusengera ubwoko bw’Imana no kubona icubahiro cayo. Ibitangaza Abisirayeli babonye ntivyabarinze ndetse arivyo bonyene ubwabo biboneshereje amaso yabo. Ariko igishobora kuturinda n’urukundo rwa Yesu Kristo rwonyene iyo turuhishuriwe vyukuri.

Ikizotuma dushika n’urukundo dukunda Imana vyukuri. Kumenya gukomera kwayo n’urukundo idukunda tukamenyakwari umwizigigwa, ashitsa ijambo ryayo tukamwizera vy’ukuri. Yosuwa na Kalebu bamenye neza gukomera kw’Imana yabo bibuka aho yabakuye ningene ibagaburirira mu bugaragwa, bibuka ikiyaga gitukura yabacishijemwo, Mpwemu Yera arabibatahuza neza kuko buguruye imitima yabo bakamenya ukuri , Bituma bahagagara bashikamye mu kwatura gukomera kw’Imana yabo bavuye gutata igihugu c’Ikanani Imana iriko ibatwaramwo. Baravugako ari ciza cane cagahebuza, kandi kandi nimba Imana bayihimbaye izokibashikanamwo. Guharura 13: 33       Guharura 14: 6-11 Ariko bagenzi babo 10 baduganyeyo, bo bibonye nkinzige ndetse nababanyegiputa bababona nk’inzige. Kuko batagize ukwizera no guhishurigwa ubukuru n’ububasha bw’Imana yabo.

Bibiliya n’icapa kitumenyesha inzira dukwiriye kujana, nitara ritumurikira rikaduha kubona muriruno rugendo turimwo rutujana mw’ijuru. Duhimbara Uhoraho bijanye n’urukundo tumukunda. Reka dusabe Mpwemu Yera aduhe guhishurigwa Yesu Kristo n’urukundo rwiwe, nirwo ruzotwubaka rukadukomeza, bigatuma tunesha ibitugerageza vyose. Ruduha inkomezi nubushizi bwamanda mukwemangira Yesu Kristo. Akarorero : Daniel na bagenziwe n’abandi bahizi banditswe muri Bibiliya . Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s