Tugume m’Urukundo rw’Imana. Ubutumwa bwo ku wa 24/08/2019

Tugume m’ Urukundo rw’Imana.

Kukw’Imana yadukunze urukundo ruhebuje, bikwiyeko natwe tuyikunda, tugize urukundo rw’Imana muri twebwe. Ruzitiriwe no kuyubaha rugaharara mu kuyizera.

1 Yohana 4 : 16-17         2 Abitesalonika 2 : 13-17

Kwizera urukundo rw’Imana bizana impinduka mu buzima bwawe, kuko wagwizeye ukarubamwo, rukaguhindura umuntu mushasha. Nigwo rutuma tugenda tubona ukugira neza kw’Imana  muri vyose. Kandi hakaba itandukanirizo ry’abizera n’abatizera. Ukugira neza kw’Imana kukabana nawe muri vyose.  Kuvayo 33 : 13-19 Kandi uko wugururira umutima wawe gukunda Imana, ukagwiza kuyizera, niko nayo iguhishurira ivyiza vyayo, Nico gituma Mose yayinginze ngw’ijane nabo. Kandi Imana yarabimwemereye kuko ibana n’abana bayo.

Impinduka y’ubuzima bwanje nubwawe biri determine n’ukuntu dukunda Imana. Utuguruye umutima ngo urukundo rw’Imana rumubemwo ntashobora, kubandanya neza mubuzima bwagakiza. Nicogituma Yohana yavuzeko ikintu gituma tuguma mu Mana arurukundo dukunda Imana. Kuko iyo ukunda Imana ushobora gutanga ikimazi cose ufise. Kandi iyo ukunda ushobora no gutanga ama sacrifice kubwuwo ukunda. Iyo ukunda ntubemberezwa ariko ubikora ubikunze.

Daniyeli na bagenziwe, ba Yosefu n’abandi bahizi berekanye urukundo rw’Imana, ntakindi na kimwe catumye bashikama mugushingira intahe Imana no kwemera guca muvyo baciyemwo vyose ataruwo mutima berekanye bafitiye Imana yabo. Urwo rukundo ntagishobora kudutandukanya nayo. Abaroma 8: 31-37   Zaburi 91: 14-16

Tuesha kubw’urukundo rwa Kristo rutumerera nkikiziritse umutima wacu kidashobora gucika. Nico gituma ivyo bacamwo vyose, ndetse nigeragezwa bahuye naryo ataho bigeze bava ku mana yabo. kuko batura ivyizigiro bayifiseko nayo yishingira intahe muri bo. Dawidi yica Goloyati, yatuye ingene Imana yabanye nawe mukwica ibikoko vyaza kurya intama za se yararagiye. Urwo rukundo nirwo yahagazeko mugutanga ibizokwubaka ingoro y’Imana. Imigani 8: 17

Mugakiza kukuri niho duhishurigwa vy’ukuri urukundo Imana yadukunze n’imbabazi itugirira bigatuma tugwisangamwo, ntihagire ikitunyiganyiza. Kuko bituma wanka isi n’iyo iduhendesha rukadukundisha Imana n’umwana wayo Yesu Kristo. Amen

 

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s