Ibitangaza Yesu yakoze: Ubutumwa bwo ku wa 17 /08/2019

Ibitangaza Yesu Yakoze.

Yesu Kristo yaje ngo duhinduke nitwahinduka duhindure amahanga yose.                          2 Abami 5 : 8-10 &14-17

Umwami w’Abami ntiyaje gukora ivyabantu bashoboye, ariko yaje gukora ivy’umwana w’umuntu adashobora gukora, ivyo tudashoboye. Ariko dukize tubere umugisha n’abandi benshi. Umwami w’Isiriya yagomba ko Namani akira kugirango arushirizeho kunesha mu ntambara. Kuko umutima w’Imana ku bana bayo ari munini cane kandi itiyumvira uko twebwe twiyumvira, Yesu Kristo We yamubonamwo umubabaro wo mumutima yamana, kuko naho yanesha, ikiganza c’Imana kikamubako akanesha, umwami wiwe n’igihugu bose bakanezerwa. We yarafise agahinda ko mu mutima kubw’imibembe yiwe, nububabare budashira. Atwaye icete ku mwami w’Abisirayeli, umwami akitantamurirako impuzu ziwe, Elisa yamutumyeko ati naze aramenyako mu Bisirayeli hari Imana.

Yesu Kristo ntuyaje ngo tumenyekane ariko ngo we amenyekane, nkuko nawe nyene yaje ashingira intahe Data, izina ry’Uhoraho ngo rikomeze kumenyekana no gushingigwa intahe. Elisa ntakindi yamukozeko atarukumubwira ijambo ahawe na Mpwemu Yera, ryo kugenda kwiyuhagira muri Yorodani.

Namani amaze kubikora, yakize igikomere co k’umutima n’uburwayi yarafise bwo ku mubiri, kuko umubiri wiwe waciye uhinduka nkuwumwana muto. Agira umunezero mwinshi asaba Elisa ivu ry’Iyerusalemu azoja gushira azoja gushira aho azohora asengera Imana y’Abisirayeli. Yaturakwata kigigwamana na kimwe icarico cose azosubira gushikanira amashikana ayariyo yose.

Yohana 5 : 1-14 & 17 Uwo mugabo yaramaze imyaka myinshi ku kidengeri Betesida, arabura uwomufasha ngadimbukire mu mazi Umumalayika w’Uhoraho aje kuzikurura amazi. Ariko Yesu Kristo ahaciye, amubaza kwashaka gukira, ariko we yishuye ibijanye n’agahinda kiwe ko mumutima, ko yabuze umwinika mu mazi. Yesu ati ikorere ikirago cawe ugende. Agira umunezero mw’inshi wo guhagarara agenda namaguru yiwe yikoreye ikirago nkuko Yesu Kristo yamutegetse. Ariko abayuda bo bamubuza kucikorera kuko hari kw’isabato. Ariko we akomeza kwumvira arabikora. Kandi bamubajije uwamukijije, yabishuyekwatawe azi. ariko Yesu Kristo bahuriye mu rushengero, aramumenya aramubwira ngo raba wakize ntuze wongere gukora icaha.

yaje kuruhura imitima iremerewe kandi irushe, agaharira n’ivyaha vy’abari mw’isi, agakiza n’indwara n’ibindi….Nico gituma atumirira abantu ngo bave muvyaha, bahunge wa mubi ntibaze basangire kubihano vyiwe. Ivyah. Yohana 18: 4-5      Ivyah,Yohana 21 : 3-5 Imana ishakako tuba mu buzima bwejejwe tukazigamwa no kwiyeza. Kuko ibana na’abana bayo, nabo bakayibamwo, kandi ikagerera muribo. Nkuko yabanye na ba Daniel na bagenziwe, na ba Yosefu, ikabaha inkomezi mu bihugu vy’abanyamahanga. Kuko babaho ubuzima bwejejwe, ntagahinda nta mubabaro bagira kuko Imana yabo yabana nabo ikabakiza muri vyose. Ibitangaza bikomeye Yesu Kristo yakoze n’uguhindura ubuzima bwacu, ikatugira abana b’Imana. Ikaduha ici tutari gushobora gukura mubantu canke mw’isi, ariyo mahoro n’umunezero wuzuye. Elisa yahaye Namani icafise, ijambo ry’Imana. Petero na Yohana bahaye ca kimuga cicaye kw’irembo ry’Urusengero ico bafise ariryo zina rya Yesu Kristo. Kiramuguruka. Amen

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s