Ugusenga kutwingijiza mu kugororoka 20.07.2019

Ubutumwa bwa le 20.07.2019

Ugusenga kutwinjiza mu kugororoka

Umwami wacu Yesu yadukunze urukundo rutagira akagero.  Yaje mw´isi kudukiza, yarapfuye kugirango tubeho neza, tironke ubugingo. Yarishe ikiguzi gikomeye mu kwitanga kugirango abamwizeye bose bidegemvye. Matayo 4:12-17

Imbere yuko Yesu aza mw´isi, ivyagezwe n´Imana vyari bihari, abantu barasenga bari bazi Imana ariko bari baboshe nivyaha, batagira umucunguzi. Yohana integuza ya Yesu, yaje yigisha abantu ngo bihena, bahindukirire Imana Rurema kuko ubwami bwo mw´ijuru buri hafi. Yesu nawe atanguye kwigisha ati mwihane, kuk´ubwami bgo mw´ijuru buri hafi. Yesu yagenda yigisha akiza abagwaye, yibutsa abantu ivyagezwe, abasigurira ubwoko bw´Imana ngo bagendere mu vyo bigishijwe Matayo 5:17-20.

Hamwe nukwigisha, no kwibutsa Yesu yaje atuburira atugabisha ngo twirinde, tugendere mu kugororoka kuruta uko abanyabwenge, b´ivyanditse n´ukw´abafarizayo.

Yesu yarababazwa n´abafarisayo, bari bazi barigishijwe barumvise ariko ntibagira ibikogwa vyo kugororoka. Nibo bageza Yesu, bakamuhaririza kandi ari abakuru bamasinagogi.  Yesu abwira ishengero ngo birinde abafarisayo, abo nabo tubamenyera mu vyamwa bama. Luka 8: 4-16.

Yesu ababwira ngo biyubare uburyo mwumva Yohana 14:21.

Twiyumbare abo twumviriza tutazi ivyamwa bama. Twiyubare natwebwe ubwacu, turinde imitima yacu, tuyikorere ibemwo ivu ryiza ryakira ijambo ry´Imana, rikama ivyamwa vyinshi.

Dufate umwanya wo gusenga, tureke Mpwemu Yera aduhishurire, atwigishe Yohana 14:25.

Zaburi 37:39 Agakiza k´abagororotsi katuruka k´Uhoraho.

Zaburi 143: 10-11 Isengesho rya Dawidi

Imigani 30:7-9 Umutima w´inginga Imana.

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s