Ubushobozi bw´ijambo ry´Imana 06.07.2019

Message ya 06.07.2019

Ubushobozi bw´ijambo ry´Imana

Ijambo niryo ryaremyw isi n´ibirimwo vyose. Imana yavuze ngo umuco ubeho ubaho, amazi abeho abaho, ibikoko bibeho bibaho n´ibindi vyose vyaremwe n´ijambo.

Ijambo niryo twizeye turakizwa twemeza ko twahindutse ibiremwa bisha ku bwo kuvuka ubwakabiri tubamurupfu rwa Yesu Kristo kuko twapfanye nawe tuzukana nawe. Ijambo ry´imana rifise ubushobozi. Heb 4:12

Ijambo ry´Imana rifise imbaraga kandi ritsindanishiriza uryizeye wese ariko urigaya niryo rimutsindisha.

Yohana 12:48-49 Iyo umuntu yambaye Kristo umutima wiwe uba urikumwe n´Imana. N´ukuvuga ko icyo avuze cyose kigira ubushobozi kuko akoreshwa na Mpwemu w´Imana.

Uko Yesu Kristo yavuze ngo ivyo avuga vyose ntiyabivuze avyigeneye ariko Data yamutumye niwe yamugeze ivyo akwiriye kuvuga nivyo akwiriye gusigura.

Ijambo ritsindanishiriza uryizeye 2 Abami 5:8-14 Ijambo ryaziye Namani kugira rimukize ariko rihura nuko ivyo yari yiteze atari vyo abonye, bifatanya n´ubwibone kuko yari umunyacubahiro ntiyaryakiriye. Ariko ahura n´abahanuzi beza.

Iyo Namani agira abagendanyi babi batamufasha mu kwizera yari gutaha uko yaje.

Twiyubare abo tugendana nabo bashobora kudukomeza mu kwizera canke bakatubera ibigwisha tugahusha amasezerano yacu.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s