Message ya 06.07.2019
Ubushobozi bw´ijambo ry´Imana
Ijambo niryo ryaremyw isi n´ibirimwo vyose. Imana yavuze ngo umuco ubeho ubaho, amazi abeho abaho, ibikoko bibeho bibaho n´ibindi vyose vyaremwe n´ijambo.
Ijambo niryo twizeye turakizwa twemeza ko twahindutse ibiremwa bisha ku bwo kuvuka ubwakabiri tubamurupfu rwa Yesu Kristo kuko twapfanye nawe tuzukana nawe. Ijambo ry´imana rifise ubushobozi. Heb 4:12
Ijambo ry´Imana rifise imbaraga kandi ritsindanishiriza uryizeye wese ariko urigaya niryo rimutsindisha.
Yohana 12:48-49 Iyo umuntu yambaye Kristo umutima wiwe uba urikumwe n´Imana. N´ukuvuga ko icyo avuze cyose kigira ubushobozi kuko akoreshwa na Mpwemu w´Imana.
Uko Yesu Kristo yavuze ngo ivyo avuga vyose ntiyabivuze avyigeneye ariko Data yamutumye niwe yamugeze ivyo akwiriye kuvuga nivyo akwiriye gusigura.
Ijambo ritsindanishiriza uryizeye 2 Abami 5:8-14 Ijambo ryaziye Namani kugira rimukize ariko rihura nuko ivyo yari yiteze atari vyo abonye, bifatanya n´ubwibone kuko yari umunyacubahiro ntiyaryakiriye. Ariko ahura n´abahanuzi beza.
Iyo Namani agira abagendanyi babi batamufasha mu kwizera yari gutaha uko yaje.
Twiyubare abo tugendana nabo bashobora kudukomeza mu kwizera canke bakatubera ibigwisha tugahusha amasezerano yacu.