Ivyak.n’Int.: 1: 5 & 8 ; Ivyak.n’Int.2 :1 – 4 ; Ivyak. n’Int. 4 :7-21; Ivyak.n’Intum. 5: 29-32. Igishingira intahe ko Yesu Kristo yaduze mw’ijuru n’uko Mpwemu Yera yamanutse. Kuko yari yarabisezeraniye intumwa. Niwe yabahaye ubushobozi bwo kugenda baramushingira intahe. Ico gihinda bumva n’amatwi ariwe Mpwemu Yera, niwe yabinjiyemwo, ababamwo, abaha ubushobozi bwo kugenda bashingira intahe Yesu Kristo n’ijabo ryiwe. Mpwemu Yera akemeza abantu kumwe Yesu babamba ariwe Kristo. Bakoze ico yababwiye baguma muri yanzu, ntibari bazi ikizobakorekako n’ingene Mpwemu Yera azobashikako ariko bisanze bavuga izindi ndimi, bagira nimbeya z’umuriro kumitwe yabo.
Ikintu abantu batitaho kandi badashirako umutima arico ca ngombwa murushengero no mubuzima bwacu n’ukwuzura Mpwemu Yera. Ico conyene nico kizotuma ugira inkomezi zitari nkizabandi. 2 Abami 2 : 9-10 Imana yagiye ituzanira igicapo cibizoba . Elisa yasavye Eliya imigabane ibiri y’impwemu yiwe. Nawe aramubwira ati niyo wambona ngitandukanywa nawe biza kukubera bityo. Kandi kuko yagumye amukurikira kandi amuhanze amaso niko vyamubereye. Imana yagiye ituzanira igicapo c’ibizoba. Nico gituma natwe dutegerezwa kuguma duhanze amaso ukuza Kwa Yesu Kristo.
Mpwemu Yera niwe aduha akanadushoboza kudatsindwa, no gutsinda ibitugerageza vyose, haba ibitero canke indwara, nibigeragezo vyose kuko we akora muri vyose, n’urupfu ntuzorutinya wuzuye Mpwemu Yera. Kandi tukamenya neza yuko Mpwemu Yera adakorera mu rushengero gusa, ariko akora no hanze hose. Imana yabariye umusavyi wayo Mose ngwakoranye abagabo bindobanugwa 70, azi kwari abakuru koko bindobanugwa. Guharura 11: 16-17 & 25-29 Mose amaze kubashira aho Imana yamubariye kubashira Iraza yakira impwemu kuri Mose iyibashiramwo. Ako kanya baca baravugishwa bose ariko bagarukiriza ngaho. kiretse abagabo 2 muri bo bonyene nibo bakomeje kuvugishwa na Mpwemu Yera. Abandi bisubiriye muvyabo. Nico gituma Imana ivyuga ngo abanyabwenge bw’abantu bahamagawe si benshi, abakomeye bahamagawe si benshi abapfasoni bahamagawe si benshi. ariko Imana yahamagaye ibipfu vyo mw’isi ngwimaramaze abanyabwenge. 1 Ab’Ikorinto 1 : 26-31.
Ikintu kiranga abuzuye Mpwemu Yera bazana ihinduka aho bari hose, bagahindura abantu, abantu bagakizwa bakamenya Kristo, na sosiete igahinduka muburyo positif. Ahuri hose ukoreshwa nawe. haba no mumashure canke kukazi, mungo no gukoresha nivyufise vyose , hose ategerezwa kubayo.
Ibintu bine(4) duhabwamwo ubushobozi bwa Mpwemu Yera :
1: Mu mubiri: haba gukira ingwara , gukomera umubiri uriko urababazwa (Paul na Silas) nibindi….Na Samusoni yarafise inkomezi mu mubiri.
2: Mu vyiyumviro: Farao arota inzozi zikabananira gusobanura, Imana ikaziha Yosefu mundoto ,
3: Mumutima: Aguka urukundo rwukuri, rudacika intege, turadendebukigwa…
4: Mu bwenge: Tumenya gutahura no kuvangura ibikwiriye nibidakwiriye. tukamenya ivyo dukora nivyo tudakora.