Tube maso, turorere Databuja: Ubutumwa bwo ku wa 01/06/2019

Tube maso, turorere Databuja.

Imbere yukwurizwa mw’ijuru kwumwami wacu Yesu Kristo, yabanje kubwira intumwa kwabatumye gutegura ishengero bababwirako, bagende kumpera zine z’isi. Abasezeranira na Mpwemu w’Imana kugirango abashoboze.                                 Ivyakozwe n’intumwa 1: 8-11. Arababwira ko bazohabwa ububasha niyo Mpwemu Yera yabazako bakabatizwa muri Mpwemu. Abatuma ku mushingira intahe hose. Bagihanze amaso mw’ijuru adugijwe, abagabo babiri bambaye impuzu zera babahagarara iruhande barababwira bati uko mumubonye aduga niko azogaruka. Ubushobozi bwa Mpwemu Yera bwamurimwo natwe nibwo yaduhaye,                    Yohani 18: 3-9. Twahawe ububasha bwo kunesha Satani, ntaco ashobora kugukoza canke gwakugire urimwo ubushobozi bwa Mpwemu muri Kristo Yesu.

Igikogwa yakoze: – Yaje kutuvyara ubwa 2, ngo tuve muvy’umubiri tubeho muburyo bwa  Mpwemu.  – Aduha agakiza kadashira.  – Aduha ubugingo budashira. – Aduha Mpwemu Yera ngwadushoboze.

  • Imana ntaho yigeze iza iyubwira ivy’umubiri. Ahubwo itubwira ivy’agakiza kadashira. Kandi ikatubwira ngo tube maso kuko uwo tunigana intumbero yiwe nukukatunyaga, ngo dusinzire bishobotse tunagatakaze. Matayo 10: 5-8 ; Luka 12: 28-40   ; Abaroma 13: 11-14 : Imana iratuburira cane ngo twame dukenyeye kandi tube maso, nkuko umurarizi atazi isaha yokuza kw’igisuma niko natwe azotuzako. Kandi tureke gusinzira kuko tutarabijoro, turabana b’umuco. Elie n’abahungu biwe barasinziriye satani arabiba batakaza ubuzamu bwabo. Samusoni nubwo yarafise impano z’ikomeye yazivanye munda y’umuvyeyi wiwe, yarasinziriye. Impano zigakora, ariko muri Mpwemu arasinzira, agakorera Imana ataha munzu ya Malaya. Twikangure tureke gusinzira muri Mpwemu. Kuko benshi ivyaha baravyejeje, bakabisiga, bagatangura ndetse biwe bimwe no kubiharirirako kwatarivyaha. Yeremiya 15: 19-21 .
  • Daniel na bagenzi biwe  babayeho mu buzima bwejejwe, batiyanduza batinya Imana kugito nikinini. Imana yabo, Uhoraho nyene ingoma ariyo Mana dusenga nayo yishingira intahe muri bo.
  • Utabaye maso ingabire arazisinzirana ndetse akanazipfana. Bakarimbuka kandi bazifise. Nico gituma bategerezwa kuba maso kugato no kukanini. 1 Ab’I Tesalonike 5 : 1-10 Tube ibimazi bishimwa vyejejwe na Mpwemu Yera. Igituma abantu basinzira: – N’ukudasoma ijambo ry’Imana. – Nukudasenga. – Nukumenyera ivy’Imana. – Nukudatinya icaha.
  • Shengero ry’Imana ukwigihe kigenda niko kuza k’Umwami wacu kwegereza, natwe tugwize ibihe vyo kwezwa kugirango aze asange turi bazima, tumwiteguriye vy’ukuri. Amen

 

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s