Imburi uvuga k’umuhero uri hafi.
Ezekiyeli 7 : 1-7
Imana irema isi, ikarema ijuru mbese natwe abantu ikaduha ubuzima, yashizeho iherezo rya vyose. Niyo Alfa na Omega. Imana yacu nu muvyeyi mwiza, abayemereye bakayizera , bakayubaha, bakayisenga abo nibo yashizeho iherezo ryiza. Kubw’urukundo gwinshi Imana yakunze abana bayo, gwatuma ibayobora, igahagurutsa abavugishwa nayo kugira bibutse, baburire abana b’Imana.
Ezekiyeli nawe yarungitse kuburira Abisirayeli, nabo bari barabonye ukuboko kw’Imana muburyo bukomeye cane, ariko kubw’imibiri bageraho baribagigwa ivyo babonye n’ivy’Imana yabakoreye, bacumura ku Mana . 1 Ab’I Korinto 10 : 1-13 Paulo yahanura Abikorinto abereka ubuzima Abisirayeli baciyemwo , ingene bagararije Imana, amaherezo yabo Akaba mabi.
Tugwanire kugira iherezo ryiza, ntituzi imisi yacu ingene ingana ndetse nisaha yacu. Ariko twame turi maso, dutsinde ibigerageza. Kuko ivyanditswe bitwigisha ku b’Isirayeli vyandikiwe kutwigisha no kutuburira binaduhanura , kandi no kugirango bitubere akarorero. 1 Petero 4: 1-11 Petero nawe yagumye yigisha ahanura ubwoko bw’Imana ngo bareke icaha. Igihe kirahagije co kwanka icaha, Yesu Kristo yababarijwe mu mubiri. Mwitwaze benuwo mutima. Tumare imisi isigaye turi mumubiri ariko tudakora ivyo yifuza nivyo ishaka. Kandi tudakora ngo tunezereze n’abantu nivyifuzo vyabo ariko dukore ivy’Umwami Yesu ashaka.
Abaroma 6 : 12-14
Ntitureke icaha ngo kibe kungoma mumibiri yacu izopfa, twitange nkabazuke mugukorera Imana nzima, dutange imibiri yacu kugirango ikoreshwe no kugororoka . 1 A b’I Korinto 7 : 29-30 Paulo yibutsa cane ishengero kudashira umutima kubintu biri mw’isi, kuko isi iriko irashira nibiri uriyo. Luka 14: 15-21 Yesu Kristo ababwira ko benshi bazohusha umugisha kubera utuntu duto. Ababwira ko bakwiye kwemera bagatanga ikiguzi caba kinini canke gito kubw’ubwami. Ababwira kw’agakiza ko kwizina gusa ataco kamaze. Kuko agakiza gafise ivyamwa ariko Yesu Kristo adushakako. Kandi tubeho mu buzima bwama bwiteguye igihe cose kuko ubukwe bwa wa mwagazi buri hafi. Amen.