Ijambo ry’Imana ryaje kutubohora no kudukomeza.
Yesu Kristo yaje kuduha umwidegomvyo nyakuri, atumenyesha ijambo ry’ukuri kugirango ritubohore, tugire ukwidengemvya nyakuri, kandi tube abanyakuri, tugendane ubugingo buhoraho. Yohana 8: 31-32 & 36.
Kuko ibitwica ntibiva hanze ahubwo biri muri twebwe, biri imbere m’umuntu. Kenshi n’inyota yibintu afise muri we, nkivyifuzo afise akabishiramwo umutima wose n’umutwe wose birengeje. Bakaguma bifuza ntibahage. Canke akamere n’ingeso bibi biba muriwe, bikabazanira ivyaha bikomeye imbere y’Imana. bakankana, bakagira inzigo n’amashari n’ibindi……
Binanira n’abantu kugira ubusabana bwiza n’Imana kuko biba vyaramaze kugwira muribo, ijambo ry’agakiza ntirigire aho rifata muri bo, ngo ribahindure bakizwe gose. Kuko baguma bafise inyota y’isi muribo. Yohani 4: 9 – 15 & 21-26 & 42 . Yesu Kristo yabariye umusamaliyakazi ati: umywa amazi nzomuha ntazogira inyota ukundi. Nico camuvanye mw’ijuru. Yaje ngwatumare inyota y’ivy’isi, ivyo vyose umuntu wese ajakariye, aduhe ubugingo budashira twamane inyota y’ijuru no kugororoka.
Yaje kuduhindura, aduhe kubaho neza kuko ivyo bindi vyose n’ibinyoma bituma abantu b’Imana babaho nabi, kuko bibakwegera mu bibi gusa. Ariko we amazi y’ubugingo azoduha, biduha kubaho neza, bigahindura imibereho yacu igihe cose. Ivyifuzo n’imibereho y’utaramumenya n’uwamumenye vy’ukuri bakaba 2 batandukanye cane.
Imigani 14:30 &26-27 Yaje kutumenyesha ivya Data wa twese. Ngo tugire ivyizigiro n’amahoro. Tugire umutima utekereje kandi wubaha Imana .tugire ivyizigiro ndetse n’abana bacu bagire ubuhungiro. Tureke kugendana urupfu. Tumenye ukuri kuzodushitsa ku muhamagaro wacu wo kuja mw’ijuru. Tuve mu buzimire budutwara mu rupfu. 2 Abami 6 : 32-33 2 Abami 7: 1-2 Iyo wizeye ukuri kw’ijambo ry’Imana nikwo kugukomeza, ukumva ivyabandi batumva, ukabona n’ivyabandi batabona, kubw’ubusabane ufitanye n’Imana yakubohoye ariyo Mana yawe. Nico gituma Elisa ivyaca intege abandi nivyabarandura umutima wewe yababarira gusa ic’Imana imubariye kandi ntaco yatinya kuko yabaziko Imana yiwe ibikora. Ariko uwo umwami yagenda yegamiye mu gikiriza ntiyavyakiriye ndetse yaranabigwanije, nico gituma ubwiwe atagize umugisha nkuwabandi, ahubwo yapfiriye mw’irembo ryaho abandi batabariwe. Reka twizere Imana y’Icubahiro inzuzi z’amazi y’ubugingo zimburuke ziza muri twebwe nkuko Yesu yatugeze. Amen.