Gira ukwizera gushikamye, ntukekeranye k’Uhoraho Imana yawe.
Imana yaduhamagaye ku mazina, iradutoranya idushira mu bwami bwayo, kugirango tuyizere. Tuyimenye neza kwari Imana mushobora vyose. Kandi ko muri yo atakiyinanira kandi ko Yera, ata bigoramye biyibamwo canke ikoreramwo.
Itanguriro 12: 1-4 ; Matayo 10: 37-39
Aburamu yagize kwumvira Imana imuhamagaye, nta vyinshi yabanje kwiyumvira, ariko yumviye ijambo ryayo, araryakira araryizera,arahaguruka aragenda iyo imubariye. Natwe niko twahamagawe kuko harico igomba kutugira kandi hari nivyo yaduteguriye nitwumvira ico yaduhamagariye tugakurikiza ijambo ryayo. Yabariye Aburamu kuva munzu ya se no mumuryango no mu gihugu cabo. Na Yesu Kristo nawe yaje gutandukanya umukobwa na nyina n’umuhungu na se n’umukazana na inabukwe. kuko umuntu wese yahamagawe kugiti ciwe. Ariko hari vyinshi wwe ushobora kwinegura cankabandi bakakunegura, ariko vyose bikaguca intege kubw’umuhamagaro Imana igushakako. Ivyo vyose n’ibinyoma kuko igifise ikimazi nivyukuri n’ic’Imana ikuziko n’ico ikujanamwo. Kuko ikidashigikiwe n’ijambo ry’Imana cose nikinyoma.
Abantu benshi banka ukuri, bakizera ivyo bazi canke babona. ariko ijambo ryahumetswe n’Imana ntibaryizere bigatuma badahinduka kandi bagahusha n’imigisha yabo no gutabagwa biva ku Mana.
Nico gituma umu Kristo wese Imana yagiriye ubuntu igahamagara akwiye kuyizera, ndetse extraordinaire. Tugafata umwanzuro wo kurongogwa n’Imana no gukoreshwa nayo. Tukayigororokera. Kuvayo 4: 10-17 & 22-24 Kuvayo 5: 22-23 ; Kuvayo 6: 1-9 Imana yahamagaye Mose ngo imutume muri Egiputa, we yarisuzugura kwatazi kuvuga. ariko Imana yaramukoresheje bikomeye ndetse n’ibitangaza 10 bikomeye imbere ya Farao hamwe no guca ikiyaga gitukura mwo 2. Nico gituma kubwo gukomera kw’Imana yacu yakoresheje uwisuzuguye, Yerekana ububasha bwayo, kwariyo rurangiranwa kandi mushobora vyose. Farao yaramutumyeko arayisuzugura, ntiyumvira, iherezo ryiwe riba iryabatumvira Imana. Iyo urikumwe n’Uhoraho umwami Imana vyose birashoboka. Kuko ibibazo vyawe n’imitwaro yawe nayo ivyitaho kugirango ikubere inyishu. Ariko canecane kuko wayizeye. Utayikekeranijeko. Amen.