Agakiza ka Yesu Kristo niko kadushitsa kukgororoka.
Imana yaduteye iteka iduha agakiza kabonegwa mu mwana wayo ariwe Yesu Kristo kandi turi abanyavyaha. Twese mu ngoro y’Imana turi abatabawe, yadukoranirije hamwe idukuye mvyaha vyinshi. Nta n’umwe yari umugororotsi. Ariko Yesu Kristo araza aratubabarira vyose avyishirako. 1Yohana 3: 1-6 ; 1 Yohana 2: 1-12 & 15-17.
Icazanye Yesu Kristo mw’isi n’urukundo Imana yadukunze. Yaje atwigisha urukundo arigwo rurengera vyose. Nico gituma uvgango wese ati ndamuzi kandi nd’uwa Kristo, agwana urugamba gwo gsa nawe. Kuko mriwe nta mw’ijima riyo, natwe dutegerezwa kwiyambura gose ivy’umwami w’umwijima twahoramwo tukaba abana b’umuco vy’ukuri. Tukagendera muvyagezwe vy’Imana, arikwo kwerekana ko tumuzi kandi tumukunda. Ijambo ryayo ikaritubonamwo.
Ibigwisha umugwanizi adutega ni vyiiinshi ariko ntibironke ikibanza muri twebwe. Tube abakozi b’Imana ntitbeho mgakiza twamamaza ivya wa mubi. Tbere maso ubugingo bwacu kuko nivyaha wamubi akoresha abantu, aba aturondera natwe ngo tugwe. Bitavugango ntacaha tugikora, oya namba, ahubwo igikenewe nuko tuba mubuzima bwiyeza igihe cose. kugirango ahazoserukira tuzose nawe, niho tuzohinguugwa gose. Naho umuntu wese ashobora gukora icaha, ahubwo kwihana ukabivamwo ukabireka nico cazanye Kristo mw’isi.
Kandi niwe mwitsa wacu atuvugira imbere y’Imana ibihe vyose, kuko niwe wenyene aruwera. Ivyo Satani aturega vyose Yesu Kristo aratuvugira igihe cose ku Mana.
Yohana 13 : 15-18. Yohana 12: 44-47
Yaduhaye akarorero keza ko guca bugufi n’urukundo, ntiyaje aca imanza. ariko uyu musi aba Kristo benshi bigize abacamanza naba avocat muburyo bwo gucira imanza bagenzi babo nabakozi b’Imana, no kuvuga imirimo y’Imana muburyo butari bwiza. Habamwo ingeso nyinshi zitari nziza mu bana b’Imana, ugasanga bahinduye ivyaha bimwe ariko ibindi bakibifise canke vyahinduye amasura gusa. Dukeneye agakiza kabonegwa muri Yesu Kristo, atarukugororoka twishiriyeho, duhinduke gose.
Abifilipi 3: 9-16 Dukeneye kubandanya gushika aho tuzoshikira kucatumye Yesu Kristo adufata, kumpera yumuhamagaro wacu. Amen