Pasika: Umusi wo gucungugwa kw’abana b’Imana: Ubutumwa bwo ku wa 21/04/2019

Pasika: Umusi wo gucungugwa kw’abana b’Imana.

Pasika isobanura iki? :

-1: Kurenganwa : Iyo haje ikintu  kigafata abandi bose ariko wewe kikakurengana, naho boba abo muri kumwe. Caba ikiza canke ingwara, canke ibihano n’ibindi…., ariko wewe ntujemwo ugasigara.

-2: Gucungugwa: Kubona umwidegemvyo kuko waruboshwe, hakaboneka incungu, ikigukura mw’ibohero canke ivyo warurimwo bikugoye cane bishoboka ko wari no gupfa, canke bikagusaba ikiguzi kinini cane. Bikaba nkikiguzi gihura n’igihano warimwo canke ivyo wewe worishe, hakagira ubigutangira.

Kuvayo 12: 1-7 & 12-14 & 17 & 46 Kugirango Imana ikure Abisirayeli muri Egiputa, yabanje kwica abana bose bimpfura mugihugu cose ca Egiputa ndetse nizibitungano vyabo. Ariko mub’Abisirayeli, Imana ibarira Mose ngwababwire Umuryango wose wironderere umwagazi w’Intama, bawurye inyama zawo wose kandi ntihagire icobata canke ngo basigaze, amaraso nayo bayasige kumiryango no kubishimaryango vyiyi nzu barimwo kandi ngo ntihagire usohoka.

Kuko niho Imana yarungika Umumalayika wiwe akaza guhonya izo mpfura  zabanyegiputa nimpfura zibitungano. Abisirayeli baja mumunezero nomuguhimbaza Imana Ibatabaye ikabarenganya ikiza gihonya, ikabakura no mumaboko ya Farao. Igihugu cose ca Egiputa naco kiri mukigandaro c’abana babo atanumwe agandaza uwundi, kuko bose bari babuze. Iyo niyo Pasika Imana yatangiye Abisirayeli , irabacungura ibakura muri Egiputa.

Pasika zikomeye zabaye mw’isi ni 3:

1: – Pasika ya 1 yatangiwe Adamu na Eva, ngo Imana ntibice igihe bari bacumuye bagakora icaha gikomeye, ic’Imana yababujije mw’itongo rya Edeni. Imana ntiyemera kumugambi wayo upfa, ngo Satani awusambure, ahubwo Imana yica igikoko, irakibatangira, amaraso araseseka, ibambika urusato rwico gikoko.

2: – Pasika ya 2 yatangiwe imiryango 12 y’ Abisirayeli igihe Imana yabakura mugihugu ca Egiputa, ikabaha umwagazi w’intama mumuryango wose, ngo n’abari inkehwa batowumara basangire n’ababanyi babo.

3: – Pasika ya 3 yatangiwe abari mw’isi bose, niyi turimwo , ariyo twese twababariwemwo ivyaha vyacu. Imana yadutangiye umwana wayo w’ikinege ariwe Yesu Kristo.

Rero iyo ya 3 mu bari mw’isi bose utazobonekako amaraso y’umwagazi w’intama w’Imana azorimbuka ntakabuza.

Yohani 18: 6-9  ; Matayo 27: 45 & 51-54  ; Matayo 28 1-10

Igihe ca Yesu Kristo kigeze ngo aje gucirigwa urubanza, abaje kumufata yababajije ati murondera nde? Bati Yesu Kristo Umunyanazaleti. Arabishura ati ni jewe: bose bagwa hasi icarimwe. Barasubira baravyuka , arababwira ati ni jewe ariko aba ni mubareke, ntihagire ico mubagira. Ashitsa ijambo ryiweko abo Imana yamuhaye ata n’umwe yazimiye. No kumusalaba yarababariye kugirango yerekane ububasha bwo kubabarira no kumusalaba. Ntamuntu yahuye n’imbaraza ziri muri Yesu Kristo ngwagume aboshwe. Kuko yahuye n’ubushobozi buruta ubundi aribwo Pasika ya Yesu Kristo.

Pasika igizwe n’umwana w’intama w’Imana, n’amaraso yiwe n’umusalaba wa Yesu Kristo.

Umwansi yaciye mu mugore , bizanira abari mw’ isi umuvumo. Yesu Kristo yagarukanyeyaciye amahigwe y’abantu aciye ku mugore, aduha agakiza n’imbabazi. Aduha ubugingo buhoraho. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s