Uhoraho avuze ngo baho ubaho:
Imana yo mw’ijuru n’Imana nyakuri ibana n’abantu bayo kugirango ibaremere ibihe bishasha. Kandi ic’Imana ikuremera nta muntu n’umwe ashobora kugikuraho canke ngwagihindure. Nkuko yaremye ijuru n’isi n’ibirimwo vyose ntihagire igishobora kubihindura n’ivy’abana bayo niko bimeze. Itanguriro 1 : 1-9
Natwe ubwacu ntiyaturetse uko twari tumeze, ahubwo yatugize ivyaremwe bisha. Ngo dushinge imizi muri Yesu Kristo. Niho ushobora kugendera mu vyagezwe vyayo utitayeho ikintu na 1. Ukabaho mukwezwa no mukugororoka. Ivyah. Yohana 21: 3-8 Kandi iraza ibana natwe, kugirango igende iraduhindurira ibintu vyose bisha. Ikakuremera ibihe vyiza vyuzuye umunezero kandi bisha. Niyo uri mu bibazo, kuko ufise Yesu Kristo mubugingo bwawe, hari guhumurizwa gukomeye muri wewe, ukabigiramwo amahoro.
Nico gituma uwahishuriwe ibanga ry’Imana, ukamenya ibanga ryo kugororoka, uvyumirako ntihagire ikigutwara umunezero wawe wo muri Kristo Yesu. Yesaya 45 : 5-8 & 1-3 Uhoraho yivuga mw’izina kwariwe atawundi, kandi kwariwe nkomoko y’umuco n’umuremyi w’umwiza, isoko y’impore, umuremyi w’ivyago. Abayirondera n’abayizera ibagirira neza muri vyose, ariko abayihemukira bagakurikira izindi Mana, bakayitera umugongo nibo irakarira. Yesaya 43: 15-19. Itanag amasezerano kandi ikayashitsa. Iyuri mu bibazo no mungorane, ndetse naho atamuntu n’umwe yoshobora kubigukuramwo canke ngwagukize, Imana yo kwizegwa yoyo, igukorera vyose, igaca n’inzira aho zitari, ikanakwibagiza umubabaro wose. Ikakuremera n’ivyo utigeze kwiyumvira canke no kubona. 1 A b’Ikorinto 2: 9 . Ntakindi dukeneye Atari ukugira agakiza gashikamye, atakikanyiganyiza. Nico gituma yaduhaye agakiza ngwikaduheremwo vyooose.
Ushobora no guca muvy’udashobora kubona inzira yo gusohoka, niho nayo yiyerekanira kwari umwizigigwa. Akarorero : Paul na Silas bari mw’ibohero. Imana igatuma Umumalayika kubakurayo. Ntakindi cabitumye ataruko bari bizeye Imana kandi bashira ivyizigiro vyabo vyose kuyo bakorera. Nayo ibaremera amahoro atuma bayitazira mumubabaro wose barimwo, ica yishingira intahe. Bari barafashe Yesu Kristo mu buryo butavangigwa. Ab’Ikorosayi 2: 1-9 Amen. Tumenye Imana vyumwihariko nayo izoturemera umunezero n’amahoro tuboneramwo vyose, ndetse n’ijuru izoriduha. Amen.