Igikorane c’amashimwe: Imyaka 10 dusengewe nk’abakozi b’Imana: Italiki ya 23.03.2019; Vyari vyabaye le 07.03.2009

Igikorane c’amashimwe: Imyaka 10 dusengewe nk’abakozi b’Imana: Italiki ya 23.03.2019; Vyari vyabaye le 07.03.2009

N’umusi ukomeye kandi uhambaye kubw’Ishengero rya Gilugali , ariwo muryango wa Gilugali. 

Nigihe twibuka imyaka 10 ishize dusengewe nk’abakozi b’Imana , abandi nkabarongozi b’ishengero. Kuko igikogwa imyaka kimaze ni 15. Rero ico gihe cose n’Imana yahagarariye umurimo wayo. Kuko yarawuhagaritse uraguma, irawushinga urakomera kuko niyo yonyene yawibereyemwo. Ntamwana w’umuntu n’umwe yasize mwakiwe ngwayifashe, ahubwo twese ishengero rya Kristo rya Gilugali twakoreshejwe na Yo gushika uyu musi, kandi twiteze kandi tuyizeye kwizodushitsa no mugihe co kuza kwiwe. 

  • Kuvuga ingene Imana yatanguje uwo murimo wayo:
  • Watanguye mumwaka wa 2004, mucumba c’umukozi w’Imana Chantal akiba munkambi i Kristiansand. Ico gihe twenumutware twaba i Mandal, tuja turaza.  Ukomereza mumazu yacu dukuranwa iyo baba, umuryango wiwe umaze kuza niwacu aho twaba tumaze kuza i Kristiansand. Gushikaho Imana yatwugururiye umuryango iduha aha turi muriki cumba co muri Misjonshuset. Imana ibahezagiye abahaduhaye. 
  • Kuvuga insiguro ya Gilugali

Yosuwa 4: 19-24 Naho Abisirayeli bashagaje bamaze kujabuka Yorodani, Yosuwa ahashinga amabuye 12 yaduganywe n’abagabo baserukiye imiryango 12 y’Abisirayeli, Imana yari yamubwiye ingene abikora. Hababereye icibutsocingene bajabutse Yorodani, nkuko Imana yari yabajabukije ikiyaga gitukura. 

Yosuwa: 5: 8-9 Niho Abisirayeli bakebewe ubwa 2, bagumaho bahashagaje kugeza bakize. Niho Uhoraho yabaririye Yosuwa kwabakuyeko agakengegwe Abanyegiputa babakengereye , Iragatembagaza. Baca bahita iGilugali.

 Yosuwa 5: 10-12 Niho baririye ivya Pasika kandi Manu ntiyongeye kuboneka ukundi. 

Natwe Imana yadukuye mumihingo itandukanye kugirango ihadushire tuhakebegwe, itwambure agasuzuguro ……, ihaduhere Manu iva mw’ijuru ariryo jambo ry’ukuri itugaburira ritavangiwe. Tuhasagaze kugeza aje kudugana umugeni wiwe.

  • Gushimira Abarongozi boose, Ingene babaye abizigigwa mu murimo w’Imana kandi bahagaze neza bakawukora babikunze, naho bamwe bamwe batari borohewe mungo canke mubindi. 
  • Ntagucanamwo canke kwigumura, canke gucika intege, ahubwo bakoranye umutima w’urukundo rw’Imana bidasanze. Vyerekana agakiza Imana yahaduhereye, ninkomezi ziyivako. Kuko iyo badahagarara neza uwu murimo ntuba uruko tuwubona. Bivugako Imana yarabakoresheje cane. 
  • Gushimira n’ishengero ry, Imana abo twatanguranye n’abagiye baza bose kuko bose babonetsemwo ibikoresho vyiza cane vy’Imana mugushigikira umurimo wayo cane. N’ubwitange bwinshi, n’umutima ukunze Imana n’igikogwa cayo n’abantu bayo. 
  • Dushimira n’abakozi b’Imana bataba ngaha n’aba Kristo bataba ngaha bagiye badufasha mumurimo cane kugirango ubwami bw’Imana bwaguke kandi bukomere.
  • Dusaba Imana nyen’umurimo gukomeza kubana natwe mugihe cose kirimbere.
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s