Ubuzima bw’umukristo: Ubutumwa bwo ku wa 16/03/2019

Ubuzima bw’umukristo.

Aba Kristo dukeneye kugira ubuzima bwo muri Mpwemu. Kuko niho tudashitsa ivya kameremere gashatse ndetse nivyifuzo vyacu. Ubwo buzima nukuba mw’ijambo ry’Imana hamwe no gusenga Imana. Yesaya 40: 8-10 Iyo ubaye mu buzima bwejejwe , mw’ijambo no gusenga niho ugira ico witeze ku Mana yawe, kandi Uhoraho yama azanira impera abamurondera bose. Kuko abashira mu bikogwa ivy’Imana ivuga, nibo nayo inezereregwa cane, ikabarokora. Kuko ubuzima bw’amasengesho nibwo butwegereza Imana, tukagwiza ubucuti nayo. Igaheza ikitaho ivyacu vyose.

1 Samweli 1 : 3-5 & 21-22, Uwo mugabo Elukana yamaja gusenga no gushikanira Imana ibimazi, ndetse no gushitsa amasezerano yiwe ku Mana. Kandi yajana n’abagore biwe bose n’abana bo kuri Penina kuko umugore wiwe yakunda Hana ata mwana yaramufiseko kuko Uhoraho yari yaramuzivye inda. Ntiyita kungorane umugore wiwe yakunda yarafise ngo yigumure ku Mana, ariko vyatuma ahubwo ivyo yaha Penina n’abana biwe ngo baje gushikanira Uhoraho, naye yaca abimukubiramwo incuro 2 kugirango amunezereze mu gushikanira Imana yiwe. Nico gituma gusenga kwiwe no gushitsa amasezerano yiwe ku Mana vyakoze ku mutima w’Imana, bituma ihindura ico yari yarakoze, izibura inda ya Hana yakunda. Kuko bose na Hana umugore wiwe yakunda bubaha Imana kandi bashitsa ivyagezwe vyayo. Nta rundi rufunguzo bakoresheje Atari amasengesho. Amasengesho yugurura inzugi zugaye.

Matayo16: 18-19 Yesu Kristo yahaye Petero impfunguruzo z’ubwami bwo bw’ijuru. Amubwira kwicazohambira mw’isi kizoba gihambiriwe no mw’ijuru, nizo azohamburura mw’izi kizoba gihambiriwe no mw’ijuru. Nico gituma umuntu wese yamenye Yesu Kristo ubwo bubasha yarabuhawe, ariko ntahandi bukorekera Atari mu masengesho. Ariho dukoresha ububasha Yesu Kristo yaduhaye mu kwugurura no mukwugara ivyo tudashaka bitavuye ku Mana.

Amasengesho yugurura inzugi zugaye, kuko nigwo rupfunguruzo rukoreshwa mubice 3:

Mw’ijuru , mw’isi , n’ikuzimu twugaza igihe cose.

. Amasengesho atuma tutaja mu mosha mabi. Kuko turi mw’isi y’impwemu mbi.        Luka 22: 3-46 Yesu Kristo yabariye intumwa ngo basenge ntibaje mu mosha mabi. Tudasenze impwemu zituzungurutse zodukubita hasi, ibitero bikatunesha ndetse nagakiza tukakavamwo.

. Amasengesho niyo aturinda, kandi akaduha amaso abona, ndetse akatwungura  aa8akaduha) n’ubwenge nya bwenge.   2 Abami 8: 8-23 Umwami w’Abisiriya aja gutera igihugu c’Abisirayeli, Umuvugishwa n’Imana Elisa yaba yabibonye kera, umwami akigira inama ingabo ziwe ababwira aho bakwiye guca. Atumye ingabo nyinshi kumufata, naho nyene vyose yaba yabibonye, ndetse asengera umukozi wiwe nawe ngo Imana imuhe amaso abona. Abashiriye umwami w’Abisirayeli abaza Elisa kwatobica, nawe amugira inama nziza yo kubagaburira ivyo kurya acabarekura bisubirire mu gihugu ciwabo. Imana icibaha impore ku mpande zose, nta ntambara yasubiye kubatera.

. Mumasengesho tuharonkeramwo inkomezi n’ubudahangagwa. 1Abami 18: 21 & 39 Uhoraho agirira neza abamwiteze n’imitima imurondera. Gucur. intimba 3:25 Eliya yahangara umwami w’Abisirayeli kandi ntiyatinya namajana yabamenyi ba Bayali. Aho tuhabonera na benshi: ba Esteri, ba Daniel na bagenziwe ndetse n’abandi….

. Amasengesho atuma ibintu bihinduka, akanazana ninyishu mu bihe bikomeye. Ezira 8: 21-23. Vyagiye biboneka no mubandi batandukanye ba Nehemiya, ba Esteri n’abandi abari gupfa Akaba ariko Imana itabara , abansi babo Akaba aribo bicwa.

. Amasengesho azana inyishu mu bihe bikomeye kandi bigoye. Dukeneye nkabamenye Imana kugira ubusima bw’amasengesho kuko ariho honyene dutabarigwa kandi tukahatsindira umwansi ariwe Satani. Tugakurikiza ijambo ryahumetswe n’Imana , tukaribamwo mugusenga no mukuryumvira. Amen

ra

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s