Gukora kw’Imana no gutabara kwayo.
Ikintu ca mbere Imana ikoreramwo n’imitima yejejwe kandi yitunganije neza imbere yayo. 2 Ngoma 20: 1-22 & 30 Yona 3 : 6-10 Mu gihe ca Yewoshafati vyari ibihugu vyishize hamwe ngo bibatere. Ariko amaze kwumva imburi, yaciye agira bwoba bwinshi cane, yaciye atumako Abiyerusalemu n’Abisirayeli bose, baca bugufi basenga bibutsa Imana amasezerano. Imana ica ibarungikira ijambo, Imana nuka no kubatabara kuko bari berekanyeko bo atabubasha bafise bwo kugwanya ico gitero. Irabaremesha ngo ntibatinye kubwico gitero ngo kandi ntibaranduke umutima kubwayo masinzi yingabo, kuko intambara ariy’Uhoraho. No mugihugu ca Ninewe naho nyene bumvise imburi y’Uhoraho ko hagiye gukomvomvogwa kubwivyaha vyabo, baciye baca bugufi bisiga iminyota n’Umwami nuko ndetse nivyo batunze barabiyambika. Basenga Imana bakobeje biyeza ngo kumbure yokwigarura ikabababarira ntibapfe. Bose ukwarivyo bihugu 2, batabawe no gca bugufi no kwumvira imburi, bakisonzesha , bagasaba imbabazi Imana bahagaze kw’ijambo ryayo. Kubw’ijambo rivuye ku Mana bose barunama bagashika hasi, ahandi bakitembagaza mumukngugu, kubwo guha Imana icubahiro.
Nkuko nayo ivuga ngo : Abantu banje nibaca bugufi bagasenga nanje nzobumva ndi mw’ijuru mbakize. Nico gituma itubwirako abazoyirondera ubudahumeka bazoyibona. Imana ikorana n’abayubaha kandi bafise imitima iciye bugufi, ihinguwe cane mu buryo bwa Mpwemu, kandi bafise ishaka ryo kuyirondera. Kuko ubwami bw’Imana babunyakurisha ubuhizi.
Mugihe ca Yosuwa yavuganye nawe Ijambo . Nawe yakira ic’Imana imubwiye, aciyumvirako, araryumvira, arigenderako aryitondeye nayo Ibana nawe, imuha kujabukana ubwoko bwayo i Kanani. Yosuwa 1: 1-9
Nkuko Mose n’Abisirayeli bajabutse ikiyaga gitukura. Yosuwa n’ubwoko bw’Imana bakajabuka Yorodani, niko umuntu wese yahamagawe n’Imana arafise ahura n’ibiyaga canke n’inzuzi ndetse nimisozi imbere yiwe, Zakariya 4: 5-9 Nkuko Zerubabeli nawe yarafise umusozi munini imbere yiwe, ariko wacikiye ikiyaya imbere yiwe kubushobozi bwa Mpwemu Yera. Bivuye kubuhanuzi bw’Uhoraho.
Igihe cose Imana ishigikira ijambo ryayo ikarishitsa. Bose bagiye batabagwa n’Uhoraho Imana yabo. Nawe niwaca bugufi, ukagendera mw’ijambo ryayo, ukaryakirana umutima ukunze kanduciye bugufi. Ukaryumvira, nayo iraza ikabana nawe, ivyo yavuze vyose ikabishitsa. Ntakintu na kimwe kizogira ico kikugira urikumwe n’Uhoraho Imana yawe. Uko vyoza bisa kwose canke bimeze kwose, vyose ntanakimwe ukwiriye gutinya kuko We atakimunanira na kimwe. Amen.