Ibanga ryo kumenya ubuhungiro, no guhishurigwa izina rya Yesu Kristo: Ubutumwa bwo ku wa 02/03/2019

Ibanga ryo kumenya ubuhungiro, no guhishurigwa izina rya Yesu Kristo.

Yesu Kristo yaje muriy’isi kugirango tumumenye, kandi twongere tumenye neza n’ubushobozi bwiwe. Mariko 2: 1-10          Mariko 1: 22 Yesu Kristo yakijije ikimuga kandi yigisha nkufise ububasha ntase n’abanyabwenge b’ivyanditswe. Ariko ahejeje gukiza gukiza ico kimuga abanyabwenge biburanya mu mitima yabo, igituma avuze ivyo. Yesu arababaza ati niki gitumye mwiburanya mu mitima yanyu? Ni Yesu Kristo wenyene afise ububasha bwose bwo guharira ivyaha ndetse no kudukiza mu bitugerageza vyose , ndetse n’ubumuga bwose. Mariko 10: 17-22  & 24 – 27. Uwu mutunzi yaje yiruka kuri Yesu Kristo kugirango amuhe icadafise, ariko yarafise mu mutima wiwe ikindi kintu arutisha vyose, ryaritunga ryiwe. Yesu ntakintu na 1 ashaka ko tumurutisha. Niwe ubwa mbere ibindi vyose bikadukurikira. Naho yaje yiruka kandi akanamufukamira, ntiyahawe ico yifuza kuko ntiyumviye Kristo Yesu.

Yesu Kristo askaka tumwizigire we wenyene niho tuzozigama ubugingo. Kandi nivyacu vyose bikagenda neza. Matayo 9: 21-22 & 28-29 Uwu mukuru w’isinagogi yagiye gutakira Yesu Kristo naho umukobwa wiwe yari yapfuye  kuko yarazi neza mumutima wiwe kwariwe kuzuka n’ubugingo, kandi yaramuzuye. Nuyu mugore yaramaze imyaka 12 ari mu butinyanka, yamenye neza iyo yirukira, kandi ko hari ugukira kwiwe uwo muvo wamaraso. Yibwiye mumutima wiwe gusa ati nokora ku buyonga bw’impuzu ziwe gusa. kandi uko yavyizeye niko yaciye akira.

Nta muntu yigisha uwundi kumenya Kristo Yesu canke ngwabimutahuze. Ahubwo ni Mpwemu Yera amuduhishurira kandi akanamudutahuza. Hari nigihe Imana irekumuntu agaca mu bibazo, uko ugwiza kwizera Imana niko nayo iguma igutabara kandi ikagukiza, bigatuma uyitahuhuzwa neza n’ibibazo ugenda uhuranavyo. Ukagera kurundi rugezo gwo gukunda Imana kuko wavyiboneye gutabara kwayo.

None wewe izina rya Yesu Kristo urizi gute? Matayo 13: 53-58. Bavuga ngo ni mwene Mariya n’ibindi bamusuzugura. Ariko ivyo we ntaco vyamukorako kuko icamuzanye mw’isi yarakirangura cose. Ivyak. n’Intum. 3: 4-6 & 23  & 26  & Ivyak. n’intum. 4: 7-12.

Intumwa za Yesu Kristo zakijije ikimuga, zikoresheje iryo zina rya Yesu Kristo. Naho cabasaba amahera bo bamuhaye ico bafise nkuko bamubwiye. Ariko bari babonye mumutima kwafise n’ukwizera. Nico gituma Yesu Kristo akorana n’imitima ntakindi. Adusaba kwezwa nokubohoka mu mitima yacu ku gato no kukanini. Imitima yacu ikezwa nkuko nawe Aruwera. Abalewi 11: 44-45 .

Ubu turi mu gihe co gutabagwa ku mpande zose kandi muri vyose. Dukeneye gukuraho ivyaha vyo mumutima no gukekeranya . Tuyisenge mu kuri tugororotse kandi tuyizeye wese ataco dukekeranya kuri we na gato. Niwe yimenyekanisha kandi akishingira intahe. Abakuru bamasinagogi, nabatwara abantu bashinyagurira Petero na Yohana  babakubita ngo bareke kwigisha muriryo zina, ariko ni naryo ryabaha gushikama no gushiramanga mukubabwira yuko naho aribo bamwishe kubw’umubiri bibaza ngo ntazozuka, yarazutse ni muzima kandi iryo zina rya Yesu Kristo rifise ububasha bwose mw’ijuru mw’isi n’ikuzimu. Ntaho ridashika, ntaho ridakorera kandi ntaco rinanigwa na kimwe kuryizeye vy’ukuri. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s