Twemere kurongogwa na Mpwemu Yera .
Turongowe na Mpwemu Yera niho tudakora ivy’imibiri yacu igomba canke ikunda, kuko wo uganzwa na za kameremere n’ingeso zacu. 1 A b’Ikorinto 2 : 1-7 & 10-16 ; Abikolisayi 1 : 8-14. Iyo turongogwa na Mpwemu Yera niho tunezereza Imana kandi niho dushobora kwama imbuto. Kuko ntidukora canke ngo tuboneshe amaso y’umubiri. Ni Mpwemu Yera aturongora muri vyose, ndetse no mukumenya ivy’Imana yatugabiye. Niwe aducisha bugufi akadufinyafinya, ntihagire inguvu z’umubiri cankuburyo bikora , ariko tugakoreshwa n’Imana mu bushobozi bwa Mpwemu wayo, n’urukundo wayo muguguca bugufi ukayumvira.
Itanguriro 32 : 22- 29 Itanguriro35:1-5 Imana ikibwira yakobo ngo asubire mugihugu c’iwabo, ntaho yamubwiyeko azorungika ivyo kwisaba Esau mwene nyina. Ariko kuko yarafise ubwoba bwiwe kuvyo yamukoreye, vyaciye bituma arungika ingemu mumaso yiwe kandi mumigwi itandukanye, kugirango amunezereze, abe ariko gusaba imbabazi. Amaze kujabutsa icambu ca Yaboki abagore biwe n’abana n’abantu biwe namasho yiwe. We asigara hakuno, ararayo wenyene. Niho Malayika w’Uhoraho yamusangayo bakarara baranigana ijoro ryose. Mumutwenzi bakinigana akora ku mutsi wo kwitako rya yakobo. Aramuhezagira kandi yongera amwita irindi zina. Guhera uwo mwanya Yakobo yuguruka amaso yo muri Mpwemu, arabakurikira. Uhoraho amubwira ngwaje i Beteli ayubakire igicaniro. ntiyamubwiye ukwakwiye kubigenza, ariko kuko yari yahumutse mu buryo bwa Mpwemu. Yaciye abwira abagore n’abana biwe n’abantu biwe bose ngo bazane ibigigwamana vyose bari bafise. babikure muribo. aravyimbira arabizika. Barihumanura babona kwambara impuzu zera. Yubaka igicaniro c’Uhoraho. Imana ica itera ubwoba amahanga yose abakikuje. Ntaco yatanze kugira ngo arindwe canke ngw’Imana imucishe murivyo bihugu amahoro. Ataruko yashikamye akarongogwa na Mpwemu Yera, Imana nayo iraza iramugwanirira. Ntiyabanje kugira nkuko yakoze kuri mwene se. Amaze guca bugufi, na Esau yamwakiriye neza, aramunezereregwa , araza kumusanganira. Tutarongowe na Mpwemu Yera , dukora mu mubiri, tukigwanirira, tugashiramwo inguvu zose. Ndetse bishobora no kwanka tukaneshwa. Kuko ari Mpwemu Yera aduha inkomezi, akana tubwira ningene dukwiriye gukora igihe cose, kandi Imana nayo ikagenda iraducira inzira igihe cose.
Ivya Mpwemu Yera, ab’umubiri gusa n’ubwenge bw’ iy’isi ntibashobora kubitahura kuko biboneka nk’ubupfu kuri bo. Uw’Impwemu asesa vyose n’ibihishijwe vy’Imana. ariko wewe ntawumusesa. Agira ivy’iyumviro nki vya Kristo.
NB: Iyurimwo Mpwemu Yera ntuharura kuvy’umubiri canke ngo wirabe. Ubona gusa ivy’ubwami bw’Imana; izina ryayo n’icubahiro cayo. Ikintu cose kinyuranye n’ijambo ryayo canke n’icubahiro cayo ntukora kuko biba arivy’umubiri.
Ubaho ataco utinya kiretse icaha gusa. Uko Mpwemu Yera akurongora ugakora , kuko uba urikumwe n’Imana nayo ikagenda yishingira intahe. Nico gituma iri jambo rivuga ngo abarongogwa na Mpwemu Yera nibo bana b’Imana. Amen. Abaroma 8 : 14-15