Gutangira Imana: Ubutumwa bwo kuwa: 09/02/2019

Gutangira Imana

Gutangira Imana n’ikintu umukristo wese yamenye Imana , ari munzira ija mw’ijuru iryo tegeko ni ngombwa kandi riramufata.

Dutegerezwa kubikora n’umutima ukunze kandi unezerewe, werekanako wubaha icagezwe c’Imana kwarukuri ukacumvira. Habonekamwo umutima ushima ko ivyo ufise vyose ntahandi biva Atari ku Mana. Kwariyo yabiguhaye.

Itanguriro 22: 1-5 & 14-18        Itanguriro 28 : 16-22      Abaheburayo 7 : 1-11  Itang. 14 : 19-20

Yesu Kristo yitanze wese kugirango duhabwe ubugingo budashira. Kandi aturonke tube inyegu yiwe yiharije. None twebwe ko tudashobora gutanga nikigira cumi civyo aduha, twerekana gute urukundo yadukunze kandi natwe tumukunda? Ariwe Mwami wacu!! Aburahamu avuye kugwana, yahaye ikigiracumi muvyizavyiza vyose yarafise Melekisedeki , amusanganiye akamuhezagira. Imana imubwiye gutwara Isaka umwana wiwe kugicaniro, yaciye azinduka kare mugatondo aja kubishitsa. Malayika w’Uhoraho amusanga kugicaniro , ati ko wanyumviye no kuguha umugisha nzowuguha, amuha intama yo gushikana mukibanza c’umwana wiwe. Yakobo amaze kubona ingene Imana imwiyeretse murugendo rwiwe, ikarumusangamwo, nawe yaciye azinduka kare mugatondo ahashinga ibuye arisigako amavuta ya elayo ati hazoba inzu y’Imana yanje, asezeranira Imana ati kandi ivyuzohora umpa vyose sinzobura kuguhamwo ikigiracumi. Aburahamu yamenye iyo biva. Nici gituma yavuze ati kumusozi w’Uhoraho niho bironkeka.

Abalewi 27: 27-30          Guharura 18 : 25-26         Matayo 5 : 17-20  Uhoraho yahaye itegeko Mose ngwaribarire Abisirayeli bose ko bategerezwa kukwama bashitsa ivyagezwe vyiwe bagatanga ibigiracumi munzu y’Imana ku Balewi. Kandi nabo nyene arabagerako ibigiracumi vyose bazogeregwa nabo nyene ubwabo bategerezwa gutanga ibigiracumi. Kuko umuntu wese  yamenye Imana kandi akamenywa nayo iryo jambo riramufata. Ariko kenshi abantu baja muntege nke, ntibatangire Imana. Ndetse bakanosha n’abandi ngo ntibabikore. Ndetse bakishiriraho n’insiguro bashaka, bamwe ngo vyari ivyo mugihe cakera.Bari n’umuvumo ukomeye. Nico gituma mugihe ca none Yesu yaje kuduhishurira ko gushitsa aho ijuru n’isi  bizoviraho, ntanakanyuguti canke akazatsa bizova kuvyagezwe.  Malaki 3 : 7-12.

Dukwiye gutangira Imana kuko iratugwanirira intambara nyinshi n’ibitero vyinshi vya wa mugwanizi. Ndetse ikanaduhezagiza nivyo dufise vyooose uhereye ku magara n’impwemu zo mu mazuru. Gutangira Imana n’ukuvuga akira amashikanwa yanje kuko ndamahoro, wantabaye , wambaye hafi, wankijije n’ibindiiii….Kuko Imana itahabaye ntaco woronka kandi ntanico woshikako. Gusubira mu vyagezwe 28: 1-11

Gutangira Imana nugushira mu bubiko budahomba, assurance yukuri. Verekana umutima wumvira, uciye bugufi, watahuye, wizeye Imana kandi uyikunda. Uwo muntu afise uwo mutima Imana ntishobora kuwirengagiza, iramuhezagira kandi ikamugwanirira muri vyose. Amen.

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s