Hagarara kuco wizeye.
Gukirikira Yesu Kristo birafise ikiguzi bidutwara, kuko tuba kw’isi itariko ikora kuri systeme y’Imana. Nico gituma abakijijwe vy’ukuri bahura n’intambara kuko uhagaze kuco wizeye. 2 Ab’Ikorinto 1 : 3-10. Paul yariko avuga ivyo kwirugwa imibabaro kubana b’Imana. Kuko babara nkuko Yesu Kristo yababajwe, canke bagahura n’intambara kubwa Yesu Kristo mu buzima bwabo.
Ingene isi ikora, abo mubana batizera, abo mukorana, mwigana canke abagenzi mwagendanye batizera, n’ahandi……, usanga wewe hari imibabaro ucamwo, ndetse haraho uba na persecute kuko uri umu kristo. Iyo uhagaze kiri Yesu Kristo vyukuri utegerezwa kuronka ibigeragezo( ukaba persecute). Kandi mukwizera dushobora no gutakaza canke tukaronka. Kuko gutakaza muburyo bwubu Mana biri n’umugisha ukomeye cane, naho muburyo bw’umubiri harimwo ububabare. Abaheburayo 11: 26-27
Mose yabonyeko kwitwa kubabarana n’ubwoko bw’Imana bimurutira kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farao. Abonako gucokoranwa na Kristo aribwo butunzi bukomeye, ariho harimwo icubahiro nyaco. Nico gituma ico utakaza wazirikiye umutima wawe ku vyizegwa wahawe haba ukwirugwa gukomeye. Abaheburayo 11: 13-16 & 350-40 Ababaye abahizi bose mu kwizera bagiye baba persecute kuko barondera ikintu gifadika; bagakomeza ivyizigiro vyabo mu Mana. Ukwamasezerano yabo yagenda yegereza niko nimibabaro yabo yagenda iba myinshi. Isi yarabaraba ikabanka kuko batagenda nkuko isi igenda. Imana nayo inezereregwa kuba Imana yabo. Ibashira muburuhukiro, aho barindirira abakiriho, gushitsa aho Yesu Kristo azozira gutora abera biwe. Ivyizegwa bicika ubuzima bw’umuntu naho kubandi babifata nk’ubusazi canke nk’ubujuju.
Ikibabaje cane nuko aba Kristo buyu musi ataco bari pret gutakaza kubera kwizera kwabo. Ariko gushingira intahe Yesu Kristo mu buzima bwabo. Mugihe tubayemwo isi igenda yononekara, nico gituma tuba persecute. Abandi nabo bagenda bagira za torrerance bagafata ivyagakiza minenegwe, bakagenda nkuko isi iriko iragenda ishira. Ariko abariko abo mw’isi bagiye mu buzimire bakaba radical cane kuvyo bemeye.
Aba Kristo ntibacemera gushingira intahe Imana yabo, baracecetse cane abandi nabo ukamengo bibatera isoni zo kuvuga no kuvugira Yesu Kristo. Ukamengo Imana yabo bayifitiye isoni. Tumenye neza n’imitima yacu yose ko Imana yacu ari REEL kandi ibihe bidashira. Nico gituma abantu ivyo bacamwo bashaka kuronka inyishu zihuse, ntibagira ivyizigiro bishikamye ku Mana yabo kuko niho ukura umugisha udashira. Itanguriro 27 : 34-40 Esau yatakaje kuba samuragwa kungaburo imwe gusa, aca atakaza n’umugisha wo kuganza n’imihezagiro biva ku Mana. Iyo utakaje ntutakaza ikintu 1 gusa. Esau yinginga se ngwamuhezagire, ariko ntivyari bigishoboka kuko atagize ivyizigiro akemera guhemuka, bituma vyose abibura.
Iyo umuntu ari muvyifuzo ( muri besoin) aba ari muntegenke yo kwifuza cane inyishu. Ariko kugira ivyizigiro nivyo bituma dushikama tugakomeza muma besoin yacu ntidupfe gutora ibije.
Nimba ico wemera utariko urakizira ntaco wemera.
Nivyiza rero nkaba kristo gusaba ivyizigiro bikomeye. Amen.