Twubakire (twubakwe) muri Yesu Kristo.
Nk’abana b’Imana. Abatoranijwe na Yesu Kristo kuba abana b’Imana, ijambo ry’Imana riradusaba kubaho mu buzima bwejejwe, tukiyambura icaha cose, nimpwemu za karande zigenda zidukurikirana, umuntu akisanga mugakiza ariko kadakura kandi adahinduka, kuko atakwezwa nkuko Imana idushaka. Kamere y’umuntu ntigire ahija kandi yaramenye Imana. Nico gituma uwu mwaka n’iyirimbere yacu yose, dukeneye guhinduka gose tukezwa , tukuzuzwa ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Kuko iyumwaka utanguye, duhura n’ibintu vyinshi kandi bitandukanye. Hashobora kuba inyishu yivyo twasengeye canke imigisha itandukanye, canke ibitero arivyo bigeragezo mu buzima bw’umuntu. Hari ibigiye gukoreka muruwu mwaka kandi tuzobonesha amaso yacu.
Nico gituma ishengero rikwiye kwitegura no gutegwa intege ngo ryubakigwe vy’ukuri muri Yesu Kristo, kandi rishinge imizi muri We. Abikolosayi 2: 6-11 ; Abanyefeso 2: 17-22 Urakeneye kuba muri we kuko igiti cosekugirango came neza nuko kigira imizi igera kure. Kigashobora kuvoma neza uburyohe , kikama ivyamwa vyiza. Kandi iyo imiyaga ibaye myinshi n’ibihuhusi vyose ntaco bikigira kuko kigera kure. Nico gituma nuwashoreye imizi muri Kristo Yesu akinjira akagera kure niwe ivyahura navyo vyose nta na 1 bimugira kuko ahagaze ku rutare rutanyiganyiga. Nico gituma Imana ishakako uba umu maman , umu papa, umusore canke inkumi n’umwana ushinze imizi neza, wubakitse neza muri Yesu Kristo. Kuko mu buzima bwacu duhura n’ibihuhusi vyinshi. ariko uhagaze neza warinjiye neza muri we nta na 1 uzoba, ahubwo uzokwama cane ivyamwa vyiza.
Hari ibiti bifise imizi itagera kure, ariko bisagaraye cane hejuru, ivyo bigeragezwa n’umuyaga uje. Igihuhuzi kije vyose birahenuka. # Uko ushinze imizi kuzokwerekana uko uhagaze muri Yesu Kristo. Kuko nikwo (uba plus resistant) ugira ubushobozi uko ugerakure ibwina muri Yesu Kristo.Ugenda ukomera kandi waguka muri We.
Abikolosayi 1 : 15-23 Hari abafise imitwaro itandukanye haba muvy’i Mpwemu canke vyo mubuzima busanzwe. Ivyo vyose uhagaze neza muri Yesu Kristo hose uzogenda urama. Kuko ntibiva kuri wewe, ariko biva kuri muri wewe. Intahe dushinga ziva kuri Yesu Kristo. Yohana 15: 1-2 & 7-8 Ingo zacu nimba twubakiye kuri Yesu Kristo vyukuri zizohagarara neza, mu kazi, mu bana, mumiryango hose bizogenda neza naho turi hose, kandi nibitugerageza mu buzima bwacu bizotsindwa. Kuko n’ubushobozi bwiwe budukoreramwo gusa. Daniel 3 : 15-23 Meshake, Shadulaka na Abedunego bari barinjiye vyukuri muri Yesu Kristo ninaco gituma bamaze guteregwa mw’itanure ry’umuriro, uwabarimwo yaciye asohoka, abatizera bamubonesha amaso yabo, barabona ko muruwo muriro barikumwe n’umwana w’Imana.
Harigihe uzoshingira intahe Imana yawe ntibayumve canke ngo bavyemere, ariko ni wahagarara neza, Izobemeza yo nyene.
-Mbega none ugeza hehe mukwinjira muri Kristo Yesu?
– Uhagaze gute hamwe n’Imana yawe?
– Uko ushinze nuko wubatse nikwo kuzokwerekana ingene uhagaze , ugacika udasanzwe. Bose bagahindukirira Imana usenga batari bazi canke ngo bemere, ndetse bahora bakengera ariko ukabamira imbuto, ukabamurikira bagatabagwa. Amen