Turi ubwami bw’Imana: Ubutumwa bwo ku wa 05/01/2019

Turi ubwami bw’Imana. Kuvayo 19: 5-6

Yesu kristo niwe yaje kudushira mu bwami bwa Se. Tuba umwe mu bahamagariwe gukorera ubwami bw’Imana.

Matayo 25: 1-13

Abakobwa 5 bavyutse bafise amavuta yuzuye mu matara yabo, ndetse bafise nayandi barengejeko muyandi macupa. Bandi batanu bavyukira rimwe n’abagenzi babo kuko bumvise ugwamo ngumukwe araje. Bose bavyukira rimwe ari 10. Ariko abo 5 bandi bavyutse ata mavuta na makeyi bafise mu matara yabo. Basaba bagenzi babo ngo babaheko ariko barababwira bati oya. Abo batanu bari bafise amavuta, bakoreye Imana numutima wabo wose, bagendera mu vyagezwe vy’Uhoraho ,  bashishikara ivyo bigishijwe babiha agaciro cane.  Ndetse bashira n’ubuzima bwabo mw’irinde mugukorera Imana. Nayo ibasukako amavuta, buzura Mpwem Yera. ariko bamwe bandi 5 atamavuta bagira, bironkeye agakiza, ntibakorera Imana. Bigumira mubibahimbara vy’umubiri , ijambo ry’Imana bigishwe ntibaribamwo ngo barikurikize, ariko baba murushengero batagira ibikogwa bakorera Imana, kandi nagakiza kabo ntikame. Ivyo bagenderamwo bitari vyiza nivyo vyatuma amavuta yabo yuma. Ntibari bafise icerekezo c’agakiza kabo nico gituma batakabungabunze. Umukwe aje yarabasize, abandi binjiranye nawe.

Matayo 25: 14-30 Abashoboye gucuruza intalanto shebuja yabasigaranye bakunguka nibo sebuja yashimiye, ndetse abinjiza gusangira nawe, kandi abasezeranira na vyinshi kuko babaye abizigigwa kuri bike. Ariko utacuruje italantoyasigiwebarayimwatse bayiha aba vyinshi, nawe sebuja avugango bamuterere hanze.

Umukristo azi iyariko araja, akamenya intumbero yagakiza kiwe niyo kavuye, uwo niwe akabungabunga agashobora no gukorera Imana n’umutima wiwe wose, ntiyemerere ibimuca intege nibimusamaza. Amenyakwarivyagaciro gukorera Imana, ariho umuntu yongegwa amavuta kandi akazigamwa n’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Niho uzohura n’umukwe ukajana nawe.

RN: Agakiza ntikaryoha tutariko turakura canke tutariko turagendera muvyo twize. Arivyo bigukuza mu gakiza, bigatuma ugera kurundi rugezo, ukongegwa n’amavuta ya Mpwemu. Tukaduga kurundi rugezo rwo gukorera Imana.

Naho Imana yogushira mu mabuye canke mu bugaragwa wokwama. Kuko ntibiva kuri wewe, ariko bihagaze ku Mana kuko niyo ituma umera kandi ukama. Kuko ntibiva mukibanza ariko biva ku Mana. Aburamu amaze kuvana na Loti agatwara mumugamba w’Ikanani niho Imanayamuhereye umugisha. Matayo 19: 16-22. Gukorera Imana gufatanye no kwizera nivyo bituma twemegwa n’Imana. Kandi bikerekana urukundo tuyikunda. Yakobo 2: 14-26 . Na Aburahamu ukwizera kwiwe kwashikijwe nibikogwa yakoze, aho yaragiye gutanga umwana wiwe kugicaniro.

Umuntu adakorera Imana, ngwagende arama imbuto ntashobora guhimbara Imana. Kandi azibira imigisha yiwe niyabandi. 1 Ab’I Korinto15: 58

 

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s