Twige gukora neza: N’Ubwenge buva ku Mana.
Gukora neza, no gukora ivyiza n’ingabire nziza iva ku Mana. Nta muntu ashobora kuvyiha kuko twebwe abana b’abantu nta ciza cotuvamwo uko bikwiye. Ariko Yesu Kristo yaje kuduha Mpwemu w’Imana ngwatwigishe kandi adushoboze gukora ivyiza, arivyo bishigikigwa n’Imana. Kuko itukora ivyiza niho hugariye imigisha yacu, imihezagiro, no gutabagwa kuva ku Mana kwose. Arinavyo bidushitsa kukugororoka.
Imana idusaba kuyirondera n’imitima yacu yose, no gukora ibikogwa vyiza vyose bidushikana kukugororoka. Ijambo ry’Imana riratubwira ngo : ” Mubwire umugororotsi kwazomeregwa neza”. 2 Samweli 9 : 1-13 Yonatani naho yar’umwana w’umwami Sauli ntiyifatanije nase mukugwanya Dawidi. Ahubwo yakundanye na Dawidi umusavyi w’Uhoraho akaramata. Agashigikira umugambi w’Imana ku bwoko bwayo. Yarekuye se ahubwo agaha Dawidi umutamana, umuka, …. bagakundana cane ndetse bashirako n’amasezerano. Mpwemu Yera niwe yamurongora yakora ibikogwa vyiza vyinshi, gushika naho yambura icubahiro ciwe n’ibigwanishwa vyose akavyambika uwo Imana yasize amavuta.
NB: Iyo dukora ivyiza impembo iri imbere, hari ibibonekera amaso Imana ireka ngo tubone. Dawidi yarondeje agasigarira ko munda ya Sauli ngwakagirire neza kubwa Yonatani, no kubw’Imana. Umuhungu wa Yonatani yashikirijwe amatongo yose ya Sauli nayabiwe bose, kandi ahabwa no kurira ku meza y’umwami igihe cose. Ntahandi vyaciye ataruko Yonatani yakora ivyiza kuri Dawidi, ndetse agahanura na se, akanka ikibi cose, agashigikira umugambi w’Imana. Dawidi nawe , naho Sauli yamuhiga cane ngwamwice we yamugirira neza igihe cose kandi akanamwubaha. Nibindi vyiza vyinshi yakora. Imana iramubwira ko muruvyaro rwiwe , atazokwigera abura uwo kuba kungoma y’Abisirayeli.
Itanguriro 13: 1-18 , Imana yahamagaye Aburamu ariko we ahagurukana na Loti atariko Imana yamubwiye. Imana imaze kubahezagira, Aburamu yama araca imanza zintonganya zari hagati yabakozi biwe naba Loti kuko amasho yabo yari menshi. Aho gushira umutima cane kuc’Imana yamuhamagariye gukora. Ariko amaze gufata umwanzuro wo gutandukana na Loti, Imana yaciye imuha amasezerano, imwereka igihugu c’Ikanani aho izohezagirira abazomukomokako bose kandi imusezeranira ko bazoba benshi. Nawe ahubaka igicaniro, ahakorera umurimo w’Imana.
RN: Iyo ufise intumbero ntupfa kujaniranya, ugira gutora ivyiza mu bibi. Harahantu amavuta y’uwundi adashobora kugushikana. Harigihe wewe ubwawe ukwiye kuvuga Oya. Sivyizako tuba mu Mana tubangikanije. Imana ishaka twitandukanye n’ikintu cose kitubuza kuyikorera be nogukora ivyiza.
Dutangure umwaka dufise amavuta masha, inkomezi nsha, dusabe ubwenge buva kuri Mpwemu Yera , kugirango adushoboze gukora neza. 2 Abami 2: 7-15, Elisa yakurikiye Eliya bamubuza cane abavugishwa n’Imana batandukanye kuko bari bazi kwagiye kumwakwa. Ariko wewe kuko harivyiza vyinshi yabona muri Eliya, ntiyemeye kumuva inyuma, ahubwo yagumanye nawe gushika batandukanijwe. Elisa yarafise ubwenge bwa Mpwemu Yera.
Iyo ukora ivyiza uribukwa n’Imana, kandi ikanakugarurira nivyo Satani yakunyaze vyose. Amen.