«Tumenyane n’imitima yacu»: Yesu akora ibishingiye ku mitima.
Luka 19: 1-10 Yeremiya 29: 13
Zakayo ubwa mbere yagize gusaka kubona Yesu Kristo. Ariko haba inzitizi zo kumubona kuko yari mugufi kandi hari igugu ry’abantu. Ariko ivyo ntivyamubujiji gukomeza, ntivyamuhagaritse kumurondera.
Yarakomeje gushika aho yurira igiti, ageraho abona Yesu neza.
Iryo shaka, kudacika intege, kugera aho umutima we umwemeza ko noneho uri ni mukibanza ukwiye kugirango urebe Yesu. Niho Yesu nawe yahise amuraba. Aramuhamagara ngo yururuke kuko uno musi arara iwe. Ingaruka nziza. Nawe yaciye .
Aho Yesu ageze haba kwiyambura nka Zakayo. Ugategerezwa gukuraho ivyo vyose bikubuza gukorana n’Imana no kugendana n’Imana. Izo ngeso na za kameremere , nivyaha vyose bitandukanya abantu n’Imana yabo.
Ivya Yuda. Yohani 12: 1-6 Yuda yidogera Mariya ko yarasize Yesu Kristo amavuta ku birenge. Avugako bari kuyagurisha akavamwo amafranga yo gufasha aboro, nyamara umutima wiwe yarafise izindi mpamvu.
Ingaruka mbi: Yohani 13: 21-27 Kubw’icaha ningeso atitandukanije navyo. Niwe yaciye yisobanura mubandi agura umukiza wacu Yesu Kristo.
Yesu Kristo abona imitima yacu. Luka 9 : 46 ; Zaburi 139: 1-4
Ico Yesu atugombako: Luka 11: 39-40