Noel númusi ukomeye ku mu Kristo 25.12.2018

Noel n’umusi ukomeye ku mu kristo.

Kuza k’Umwami wacu Yesu Kristo mw’isi n’umugambi mwiza cane w’Imana ku bantu bayo. Kugirango ikomeze amasezerano yayo n’abana bayo. Ayo yahaye sokuruza Aburahamu n’uruvyaro rwiwe. Nkuko nawe kugirango ikomeze kandi ishitse ico yamuvuzeko, yamusavye gutanga Isaka kw’ikimazi. Nawe kubwo kuyubaha bifatanye no kuyikunda , aragenda gushitsa ic’Imana yamsavye gukora kubwo kwumvira Imana. Nayo imuha intama yo gushikana, ariko yaca imukomereza amasezerano, iti koko mbonye kunkunda kandi kunyubaha, nokuguha umugisha nzowuguha. Imwaturira isezerano ry’intahava. Na Isaka nawe naho yarumuhungu w’umusore ntiyahakanye se ariko aramuboha, yaremeye.

Yohana 1 : 29-34 Igihe Yohana yabatiza Yesu Kristo , yaravuze kawariwe mwagazi w’intama w’Imana akura icaha cabari mw’isi. Babona Mpwemu Yera amanuka kuriwe amugumako. Yohana 10: 7-10 ; Yohana 4 : 10-26

Ukuvuka Kwa Yesu Kristo sikwo guhambaye cane, ahubwo ico yaje gukora nico gihambaye cane. Yaje kugirango abe ariwe ducamwo kugirango dushobore gucika abana b’Imana. Kuko yaje kugirango turonke ubugingo kandi tuburonke busagutse. Aho yavugana n’Umusamaliyakazi, yamubwiye nezako ariwe atanga amazi y’ubugingo kandi uzoyanywako wese atazosubira kugira inyota ukundi. Amuhishurira kwari we Kristo kandi ko abasenga  Data bazomusenga mu Mpwemu no mu kuri .

Yesu Kristo yakomeje kuvuga kwariwe mwungere w’Intama kandi kw’intama ziwe azizi nazo zikamumenya. Nkuko Imana yabariye umusavyi wayo Mose isemerera cane nijwi rirenga ngo abwire abantu biwe ko nibagendera mu vyagezwe vyayo bazomubera ubwami, ubwoko yiharije. Kuvayo 19: 4-6.

Natwe Umwami wacu Yesu Kristo yaje kuduhindura ihanga ry’Imana. Yaje kdukra mu kivunga ng’umuntu wese amwimenyere, kandi ngo uwamumenye ntaze akogwe n’isoni. Yaje kutubohora adukura muvyaha no mu mivumo yamoko yose, adushira mu baraganwa nawe. Yaje kuduha umubatizo wa Mpwemu Yera , kugirango tumenye ukuri kw’Imana n’amabanga yayo tumenyeshwa na Mpwemu.

Yaje kuduha ubwenge tudakura mumashure canke mu bavyeyi nahandi, aduha amahoro n’umwidegemvyo wa Mpwemu Yera. Yaje duha umuti tudashobora gukura mu buvuzi na bumwe, mu bitaro na bimwe, haba mu ba ganga no mu ba psychologue. Akurako abantu biwe ubugwayi bwo mumutima: ivyaha, intuntu, agahinda , imibabaro yamoko yose, ibigeragezo, iceyi, ubugwayi bw’umubiri abavuzi badashobora kuvura n’ibindi……..Ivyo vyose nta muntu n’1 yoshobora kugira icabikozeko Atari Yesu Kristo wenyene Umwami w’abami.

Ibiranga Noel : 1: Urukundo, Imana yerekanye urukundo idukunda ruciye muri Yesu Kristo. 2: Gutanga no kwitanga: Imana yatanze Yesu Kristo nawe aritanga.

3: Guca bugufi: Noel nibaho tudaciye bugufi mu mitima yacu, nkuko nawe yabikoze.      4: Kwumvira   ; 5 : Kureka ubugombe bw’Imana ubugombe bw’Imana bugakoreka muri wewe.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s