Duhagarare munkomezi z’Imana, tuyizere yonyene: Ubutumwa bwo ku wa 08/12/2018

Duhagarare mu nkomezi z’Imana , tuyizere yonyene.

Imana yahaye ijambo ryayo abana bayo yatoranije ngo rigende riratwigisha, riratubohora, riratumurikira, kugirango tuve m mw’ijima no mkutamenya kwinshi, tuje mumuco utumurikira mukumenya ukuri kwayo. Arikwo kuzotuma turangiza urugendo twatanguye amahoro. Kuko dufise umwansi adutegera aho turi hose. Ushobora guhagarara adatsinze, nuwamenye ukuri kw’ijambo ry’Imana, akagendera munkomezi za Mpwemu Yera. Akaba arizo zimukoreramwo kubw’izina rya Yesu Kristo yamenye.

Guharura 16: 1-15 & 28-41 Kora na Datani na Abiramu igihe bifatanije kugwanya Mose na Aroni, Imana yari yarabateye iteka ibagira abo  gukora ibikogwa vyo mw’Ihema ry’Imana ngo bahagarare guhereza ivy’ishengero. Ariko bari bagendanye na Mose kuva muri Egiputa , ivyo Imana yakoreye Abisirayeli vyose bari babibonesheje amaso yabo ata na 1 kivuyemwo. Barabakru bimbere mw’ikoraniro kandi ba rurangiranwa. Ariko ntibashize umutima mukumenya ijambo ry’Imana n’Imana igendana nabo bagenda babona , ariko bifatanya kugwanya abasavyi b’Uhoraho ngwabe aribo baja murivyo bibanza.

Mose yarapfukamye arunama shika hasi acira bugufi Imana  ayiha icubahiri kuko we yarazi neza ico bakoze. Yabona impwemu zibateye, ka bagararije Imana yo mw’ijru atariwe bagararije. Nico gituma dukwiye kuba maso cane , kuko mugakiza ntuharura imyaka ukamazemwo, canke umaze ukorera Imana ngo utahura vyinshi. Ahubwo ivyo vyose utabibereye maso bishobora kukubera igitsitaza. Hakazamwo n’impwemu y’ubwibone ivyara ubugarariji.

Icukwiye kumenya mwene Data nuko nimba Imana yaragutoranije, niba wewe nye utavyanjanjweko, menya nezako atakizoguhagarika gushitsa Imana iranguye umuhamagaro wawe wose. Tgire no kwirinda icaha co mmaraso nicaha gikomeye cane. Kirakurikirana. Nico gituma ubwoko bw’Imana bwagiye bupfa cane mubihe bitandukanye, kuko bishimira ko nabo arubwoko bw’Imana bwakomotse kuri Isirayeli na Isaka na Yakobo, ariko bakanka kugendera muvyagezwe Imana yageze umsavyi wayo Mose.

Umntu adashobora kugwishwa nikintu na 1 nuwuzuye Mpwem Yera. Ibisigaye umuryango ushobora kukugwisha, ubutunzi bukakugwisha, ubukene bukakugwisha, icubahiro, abagenzi, ndeste n’ibindi …… Rero icaha ca Kora na bagenziwe catumye hatikirira abantu benshi cane uri abo isi yasamye ikabamirana n’imiryango yabo yose n’ivyabo vyose, ri abo muriro w’Uhoraho wamanutse ukarigita.  ndetse n’abandi bakomeje kwidogera abakozi b’Imana. Imana ikihesha icubahiro muri bo.

Ariko bene Kora basigaye bifatanije na Mose, bamenye Imana vy’ukri nayo ibasukako impano n’amavuta y’uburirimvyi. Zaburu 84: 1-12. Ntahandi imanza zananiranye zirangirira Atari mw’ihema. Nico gituma ushobora kgendana ibikomere mgukorera Imana ariko ukazobona ijuru. Kuko utabihaye agaciro wewe wikomereje mw’ijambo .

Ahantu Satani akunda kurasa aba Kristo ni 3:

_ Mumutwe akabacanganya muvyiyumviro

–  Mbiganza ngo ntibakorere Imana ndetse ntibanayitangire

– Kubirenge ngo ntibaje mungoro y’Imana no mumirimo yayo.

 

 

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google photo

You are commenting using your Google account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s