Twige kuvuga no gukunda Imana yonyene kuyirutisha ibindi vyose no kuvyigisha abana bacu.
Uhoraho Umwami Imana yacuyaradutoranije ngo tumwubahe, kandi tuvyigishe n’abana bacu, kugirango tugendere mu masezerano yayo yasezeraniye Aburahamu n’Abisirayeli rihagaze kw’ijambo ryayo no muvyagezwe vyayo. Nico gituma igihe Imana yakura Ab’Isirayeli muri Egiputa bagiye bayibona imbonankubone iri munkingi y’igicu igendera hejuru yabo mw’ijoro ikabaja inyuma ibamurikira nkabagenda ku murango. Bariye Manu irimwo vitamine zose, indya zitekewe mw’ijuru. Kubw’umutima w’urukundo Imana yabakunze. Babona ibitangaza vyinshi mu maso yabo n’ibimenyetso Imana yabakoreye, Nico gituma yahaye umusavyi wayo Mose ivyagezwe abagera kugirango babigenderemwo, kandi baze bavyigishe n’abana babo. Gusubira mu vyag. 6 : 1-7.
Gukundisha Imana n’umutima wacu wose, n’ubwenge bwacu bwose, n’inkomezi zacu zose. Tukavyigisha n’abana bacu , kuko amasezerano arayacu n’ayabana bacu. Kandi dukwiye kwigisha abana bacu bakiri bato kuko umwana icumutoza nico aba. rero kubakundisha Imana tukanayibubahisha, bagakura bayizi bakamenya ningene ihambaye muvyo yagiye idukorera vyose. Bakamenya ko ar’Imana itavangwa kandi yanka icaha. Tukabigisha kuyizera ubwabo kuko n’ingabire itagabugwa. Sukuvuga ngwabavyeyi bazosenga, ariko dutegerezwa kubitoza n’abana kuko s’umutungo ugabanganywa. Nico gituma mugihe co mw’isezerano risha, kubwugwo rukundo rwinshi Imana yadukunze, yatumye umwana wayo Yesu Kristo kutwitangira, kandi uzomwizera wese ntazatsindwe n’urubanza. Kandi Iy’umuntu shikije ivyagezwe vy’Imana nayo ibana nawe muri vyose. Abalewi 26: 9-12.
No muguhe ca Pentecoti, Intumwa y’Imana Petero yarabishingiye intahe , kwamasezerano arayacu n’ayabana bacu Ivyak n’intum. 2 : 39. Irashakako n’abana bacu babaho mu buszima bwubashe Imana kandi buyihesha icubahiro. Iyo tubakundisha Imana tukabarongora muvy’ukugororoka tuba tubarongoye muri kazoza keza, mumugabane udashira. Niyo icigenda irabigisha, kandi bakahabonera ikiganza ciza , ikabana nabo, ikabakomeza. Akarorero: Yosefu yigishijwe Imana, ivyo yaciyemwo vyose ntiyavuye ku Mana, naho yarumwana.
1 Ngoma 28 : 9-10 ; 1 Abami 2 : 1-4 Umusavyi w’Imana Dawidi agiye kurangiza, yahanuye Umwana wiwe Salomo gukurikiza ivyagezwe n’ijambo ryose ry’Imana n’umutima wiwe wose ndetse no muvyiyumviro vyiwe kuko ar’Imana isoma imitima. Aramuhanura neza ati niwayogumako nayo izokugumako ariko niwayivako nayo izokuvako burundu. Suko yarabitanguriye ngaho, yashimika ico yari yaramwigishije guhera ari muto.
Mariko 10 : 13-16 Na Yesu Kristo igihe yahezagira abana yaravuze ati reka abana baze kuri jewe kuko abazoja mw’ijuru arabameze nkaba. Rero dukwiye kubwakira nk’abana bato. Kandi ic’umwana yigishijwe ntakivamwo, nico kimurera kikamukomeza. Ariko Umuntu atanga icafise ntituzotoza abana bacu gusenga canke kwubaha Imana natwe batabitubonamwo. Rero dukwiye nokubabera icitegererezo muri vyose. Amen.