Dukwiriye kuba ishengero Imana inezereregwa: Ubutumwa bwo ku wa 24/11/2018

Dukwiriye kuba ishengero Imana inezereregwa.

Ishengero Imana inezereregwa nukuvuga ribaho mu buzima bugororokeye Imana. Rigahesha icubahiro Imana. Riza imbere yayo n’imitima iyinyotewe kandi itunganye, nayo ikaza ikabana nabo. Nico gituma mugihe ca Yesaya igice ca 1 , yavugishijwe n’Imana  abarira Abisirayeli ibahinda, ikabirukana imbere yayo kuko baza imbere yayo banduye.

Nico gituma intumwa y’Imana Paul yihanikirije Timoteyo yagira amusubirire mukibanza, gwagende yigishe ishengero ry’Imana ijambo ryayo ritavanze, ahanure yihanganye, yihanize, ndetse anahane kugirango ategure ubwoko bw’Imana buzobona Imana. 2 Timoteyo 3: 1-7 & 12-17         ;   2 Timoteyo 4: 1-5       ;  Matayo 15: 13 & 18-20 Yariko amubwira ivyikigihe turimwo c’iherezo ingene bizoba bimeze mu mashengero y’Imana, kandi ndetse nubu ariko bimeze. Kwa’abantu bazoba bankana, bikunda, bakunda amahera , badakunda nababo, bagira ishusho yo kwubaha Imana ariko batayubaha n’ibindi… .  Amwibutsa ingene ishengero rikwiye kumera kandi amwihanikiriza ngo aragire ubwoko bw’Imana neza kandi nawe nyene yirinde ubwiwe no mukwigisha kandi no muri vyose. Muri Matayo batubwira ingene Imana izorandura ivyitateye mu mitima yabantu. Nivyiza kwabantu biyeza bagahindukirira Imana mukuri no mukugororoka . Kandi arico cazanye Yesu Kristo mw’isi ngo nduhinduke ducike basha muri Kristo Yesu. Ariko abantu bahitamwo kwinjira mu ngoro y’Imana kandi barimwo ivyaha vyinshi na kamere n’ingeso zidahinduka.

Tito 3 : 3-7 Yesu Kristo yaje kudukura mu vyaha, adukirisha kwozwa kuzana guhindugwa basha na Mpwemu Yera. Nico gituma Paul yashinga intahe ingene yahindutse. Avuga ingene yagizwe musha na Mpwemu Yera muri Kristo Yesu. Nico gituma dukeneye guhinduka basha muri Kristo Yesu. Tugaheza tukinjira twejejwe mumutima, nivyo binezereza Imana. Kuko abameze batyo nibo bazobona Imana. Matayo 5: 8. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s