Twahamagawe ngo duheshe Imana icubahiro: Ubutumwa bwo ku wa 17/11/2018

Twahamagawe ngo duheshe Imana icubahiro.

Kuba mu buzima buhesheje Imana icubahiro n’ingabire ikomeye cane kandi iva ku Mana. Biva kuco wumvise ukizera kikaguhindura. Kuko mukamere k’umuntu nta guca bugufi kurimwo. 2 Samweli 12: 7-20 Iyo umuntu akora icaha aba akengereye umusalaba wa Yesu Kristo, kandi bibabaza Imana cane. Dawidi yakoze icaha bibabaza cane Imana. Ariko kubw’urukundo ikunda abana bayo imutumako umukozi wayo Natani. Ariko nawe aca bugufi, yemera ivyaha yakoze arihana bivuye kumutima ndetse n’umubabaro mwinshi. Bituma Imana nayo imubabarira, ariko Iramubwirako kuko yahaye abansi bayo kuyirogotako, yuka umwana yavyariye mucaha azopfa.

Dawidi yababajwe caane n’ubugwayi bwuwo mwana arisonzesha arihana. Ariko Imana irareka ico yavuze kiraba, ariko imuha Salomo kandi imwambika iteka ibana nawe murugamba aranesha. Imwambika icubahiro.  Nivyizako umuntu ababazwa cane n’icaha yakoze hakubabazwa cane n’ingaruka yaco. Ivyo vyose naho bitubako tumenye kandi dutahure cane yuko Imana yacu ar’Imana Yera kandi mu bihe vyose.

Guca bugufi n’ingabire ikomeye cane. Yakobo 4: 6 Imana ikiza abicisha bugufi. Kandi ibahera ubuntu. Itabara kandi igwanirira abicisha bugufi. Irabaduza kandi ikanabahezagira.

RN: Uyu musi ikigwanishwa Satani afise mu mashengero y’Imana, nuko yakomantaje imitima y’abantu, ntibacemera  ngo bihane vyukuri , bemere bahinduke gose. Bagomba gukomeza mugakiza kavanze n’ivyaha mu mitima yabo. Ivyahis.Yohana 3: 1-6 & 14-22   Kudakizwa burundu nikintu kibabaza Imana cane, nico gituma itubwira ngo udakonje kandi ntabire nzomudahwa. Dukeneye kugira wa mutima wari muri Yesu Kristo Ab’I Filipi 2: 2-11. Iyo imuntu adaca bugufi agendera mu vyaha , atsitara kuri vyinshi kandi Imana nayo iramugwanya. Imigani 8: 13 & 36   ; Imigani 16: 4-6

NB: Mwene DAta umenye neza ko ntakintu na 1 gishobora kuzibira umugambi w’Imana kumuntu ataricaha conyene.

Inyungu 2 zo kwubaha ukaba mu buzima  buyihaye icubahiro

  1. Bikora ku mutima wayo ikagushigikira.
  2. Bikuzanira kwubahwa nyakwo, ukagira ikiganza ciza kuri wewe muvyukora vyose. – Ikintu kizodukomeza kandi kikanaturongora kuba mu buzima buhesheje Imana icubahiro :  * Uzokomezwa nuko uhagaze mw’ijambo ry’Imana.                       * Uzokomezwa no gusenga. * Uzokomezwa no kumenyako Imana igufiseko umugambi kandi kwitazokureka imere yuko ushika. * Kwuzura Mpwemu Yera. * *Kuba mu buzima buciye bugufi. Amen
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s