Duhuze ubuzima bwacu n’umugambi w’Imana : Ubutumwa bwo ku wa 10/11/2018

Duhuze ubuzima bwacu n’umugambi w’Imana.

Igituma Imana yirobanuriye ubwoko bwayo, kwarukgirango babeho mu buzima buhuje n’umgambi wayo. Igihe Imana yatuma umusavyi wayo Mose kuri Farao, yamubwiye ngo genda ubwire Farao uti rekura abantu banje baje kushima no  kunshikanira ibimazi.. Nukuvuga kuba mubuzima buhimbaza Imana, bukaduza icubahiro cayo.

Natwe igihe turimwo ninkigihe Abisirayeli baduga bava muri Egiputa baja mugihugu c’isezerano. Abisirayeli bibagiwe ibitangaza Imana yabakoreye mugihugu ca Egiputa, ariko bahindukirira izindi mana, kandi bagashira umutima kuvyo badafise, bibagira gukomera kw’Imana yabo , ngo bayihimbaze, bayishimire, bayihe icubahiro cayo cose, nayo ize yiyerekanire muribo. Nico kibazo tubona muri Bibiliya cagiye kiba hagati y’Imana n’abantu bayo. Ntibibuka icubahiro c’Uhoraho.

2 Samweli 6 : 10-15 Dawidi yambuye icubahiro ciwe agenda yiginagura imbere y’isandugu y’Uhoraho; aha Imana yiwe icubahiro, yigira usuzuguritse imbere y’abantu.

Guha icubahiro Imana muguhimbaza no mugutazira n’ukumanura igitinyiro c’Imana muri twebwe, mubuzima , mungo, mu rushengero n’ahandi. Kandi ahigeze haba kwezwa, gutabagwa no guhabwa umugisha. Kandi nikwa gusobanukigwa neza Imana usenga iyariyo n’ubushobozi bwayo. Kwariyo ikwiye icubahiro.

Dawidi yari yarabitahuye neza, yavuze ati nitwazana isandugu y’Uhoraho hagati muri twebwe, ingwano zose tuzogwana tuzozitsinda. Na Daniel na bagenziwe barisonzesheje , banka krya indya z’umwami, baha Imana yabo icubahiro. Imana iraza ibana nabo, ibagwiriza ubwenge n’inkomezi. Ntibari bazi kwimbere hariyo gutabwa mugwobo gw’intare no guterebwa mw’itanure ry’umuriro. Ariko ivyo vyose Imana yabanye nabo irabatabara.

Reka Imana ibe muri twebwe kunesha ni Garanti, Abafilistiya bavuzengo, naho twanesheje Abisirayeli, ariko Imana yabo yo ntidushonora kiyinesha. Igihe bari baranyaze isandugu y’Imana, igeze iwabo ikica abantu benshi cane.

Imana yagiye irema ibintu vyose bituma habonekamwo icubahiro cayo. Zaburi 19: 1  ; Zabri 8: 1-9. Iyo uhimbaza Imana haba gusubizwamwo intege, tugahabwa inkomezi, wungugwa ubwenge, Imana ikabana natwe, ukuboko kwayo kukagenda kudutabara.

Ivyak, n’Intum. 16: 25-26 Paul na Silas bari mw’ibohero bamerewe nabi cane bagerewe ko buca babica, bahimbaje Imana baririmbira Imana, imbohe zose zibumva, imiryango y’ibohero irapfunguka, Malayika araza arabasohokana, abakurayo.

Esiteri 5 : 14  Esit. 6 : 1 & 10 Kubwo kwisonzesha Kwa Moridikayo n’abaheburayo , Namani bamuhanuye koyica Moridikayo akamumanika ku giti. Ariko iryo joro nyene Imana ibuza umwami ibitotsi, arondeza ivyanditswe mu bitabo harimwo ivyo Moridikayo yakoze. Umusi yari kwicigwako niwo musi yambikiweko imywambaro y’ubwami bamtembereza mugisagara cose bagenda bamuririmbira. Cagiti gihava kimanikwako Namani yari yakimuteguriye.

Ibintu 2 bikomeye bituma tugira guhimbaza Imana:

1: Nukw’Imana iri hagati muri twebwe.

2: Nukwihabereye kuturinda no kugirango idutunge.

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s