Guca bugufi ukagira umutima umenetse wihana: Ubutumwa bwo ku wa 03/11/2018

Guca bugufi ukagira umutima umenetse wihana.

Kuba mugakiza canke gukizwa nukuba mu buzima bwejejwe tukava mu vyaha. Nico cangombwa Imana ishaka kw’ishengero ryayo. Yesaya 1 : 1-4 & 12-17 Ntakintu kibabaza Imana yo mw’ijuru nkingene ishengero ry’Imana riza mungoro yayo, ariko bakaza bafise ivyaha vyinshi mu mitima yabo. Ntibagombe gukizwa gose ngo bahinduke vyukuri, bagire imitima itanduye kandi yanka icaha. Ngo habe gutinya Imana no kuyubaha, ngo bamenye neza icibagombako. Kuko amashikanwa manini manini ntaco abwira Imana, ariko icigomba kw’ishengero ryayo n’imitima itanduye kandi imenetse. Icidushakako n’ukwezwa tukitandukanya n’ibibi vyose dukora arigito ari kinini, tukagira umutima umenetse kandi ujanjaguritse.

Zaburi 34 : 11-18 & 22   ; Zaburi 51: 1-17 Umusavyi w’Uhoraho Dawidi, Imana yamutoranije ngwabe umwami w’Abisirayeli. Yamushizeho ngwasubirire Umwami Sauli kuko yari yababaje Imana cane imutumye kurandura Abimeleki ngo ntihangire na 1 asigaza murico gihugu canke ngwakizigurize. Ariko Sauli we agenda akora ukwatatumwe. Bibabaza Imana, ihitamwo kumukura kungoma, ihimika Dawidi. Dawidi arikungoma Imana yaramukunda cane kandi kamwishimira kuko yarafise umutima umenetse uhimbara Imana. Ariko Satani ntiyamutinye, yamurondera kenshi ngwimukubite hasi. Uraho yacisha kuri Sauli agomba kumwica. Ariko Imana imuba hagufi ikama imutabara. Igera nahimucisha mugusambanya muka Uliya. Ndetse arungika na Uliya kurugamba kugirango yicwe ashaka kuzimanganya icaha. Ariko aho hose ijisho ry’Imana yari kuriwe, kandi ukuboko kw’Imana kwamuremera ku murango no mw’ijoro.

Ariko Dawidi amaze kuburigwa n’umukozi w’Imana Natani, agira umutima umenetse cane kandi w’ihana. Utakambira Imana ngwimukize icaha yakoze. Arayinginga cane ngo imutabare isibanganye igicumuro ciwe , avugako icaha ciwe gikomeye. Imana nayo kubwuwo mutima ntishobora kukwirengagiza canke ngwikureke. Kuko umutima umenetse kandi ujanjaguwe Imana ntishobora kuwukengera nagato. Kandi nico kimazi gikomeye Imana yishimira.

Ntakindi cazanye Yesu Kristo mw’isi, atarukugirango twihane ivyaha vyacu, tubeho mubuzima bwejejwe. Twame twiteze ugucungugwa kwacu kwibihe bidashira.  Ntahahandi FONDATION yagakiza iri Atari mukwezwa no muguharigwa ivyaha vyose bibonegwa muri Kristo Yesu. Nukuba munsi y’umusalaba wa Kristo. Nico gituma urushengero runini , rwuzuye abantu benshi ntaco bibwira Kristo. Matayo 24: 1-2. Kumara imyaka myinshi mugakiza umutima wawe wuzuye ivyaha arico Imana yanka kiyitera uburakari, ntaco bibwira Imana, kandi ivyo binezereza Satani cane. Menyako naho wokwisiga gute canke ugakora ivyiza bimeze gute, ugasenga atavanako, utihanye icaha wakoze kiguma kiriko kirakwagiriza imbere y’Imana. Rero menya kwitandukanya naco. Arahari ngwakubabarire, kandi aguma akwiteze umwanya wose ngwagukize.

Ivyah. Yohana 7 : 13-17 ; Iyo wiyambura inkomezi z’icaha, nurugamba rukomeye, kandi no kuba mubuzima bwejejwe n’urugamba kuko icaha munigana igihe cose, sico gusa hari nigihe abantu bakwanka ugaca mubibazo vyinshi kandi bitandukanye. Ariko ntawundi abashoboza Atari Yesu Kristo we nkomezi zacu kandi ariwe yanesheje uduteza intambara zose. Kandi niwe anatumurikira tukibera mumuco wiwe, atakitwagiriza imbere y’Imana. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s