Ijoro rirakuze bugira buce,turushirize kurondera Ubwami bw’ijuru. 29.09.2018

Ijoro rirakuze bugira buce,turushirize kurondera Ubwami bw’ijuru.

  Tumaze imisi Mpwemu w’Imana atubwira kwiyeza ngo tube ishengera ryejejwe . Twongera turamka ijambo ritubwira mgo tugire agakiza gashinze ku Mwami Yesu Kristo, niko kazodushikana mu buruhukiro.

Twarabwiwe ngo kugira tumenye ko dufise agakiza kukuri, dutegerezwa kuba twuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera.

  Yesu Kristo arashaka ko tudasa nk’abakizwa ariko tuba abakizwa. Dusa n’abakizwa, ni hahandi Yesu ni yaza gutora umugeni wiwe azotubwira ngo «Mv’imbere sindabazi.» 

   Igituma ariko aratubwira ngo twiyeze kandi twuzure ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana, ngo n’uko igihe ciwe kiriko kirushirizaho kwegereza ko aza gutora umugeni wiwe kandi ibihe birushirizaho gukomera ku mukristo kuko umwami w’iyi si agiye gucirwako iteka. Umurwanizi ariko arazimiza abatoranijwe ngo bahushe uwo murage wo kuzobona ubwami bw’ijuru.

Romain 13: 11-14

 Ukugaruka kwa Yesu Kristo kuregereje. Ngo igihe kirashitse aho twikangura, agakiza karatwegereye kurusha igihe twizereye. Twiyambure ibibi vyose, twambare Yesu Kristokandi ntitubabare ivy,uyu mubiri ngo dukore ivyo wipfuza. Ivy’umubiri ni vya bikorwa biruhishiriza ubusa kandi ar’ibishira

  Mu gihe twambaye Kristo, twuzura MpwemuYera kandi ibikorwa adukoresha bituzanira ubugingo budashira.

  Twaratoranijwe Imana iduha agakiza,ntitukanjanjweko ariko tukabere maso ntidusange twagiye akayombekere tugasanga turahushije ijuru.

Abaheburayo 2: 1-4

Turushirize kwitwararika ivyo twumvise. Ijuru n’isi bizoshira ariko amajambo y’Imana ntaco azoba.

, niyo azokiza abayitwararitse. 

  Mpwemu w’Imana ariko araburira ishengero ry’Imana ko Yesu agiye kuza, kandi nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Noah n’ubu niko bimeze. Harabibaza ko agitevye bakigumira mu vyaha. 

Mat. 24: 36-44

  Shengero ry’Imana, ikangure wambare inkomezi, urushirize kurondera Ubwami bw’Ijuru.

  Mugeni wa Yesu va mw’itirosatani agusinzirije wibaza ngo aracatevye.

Uyu mwanya atarashika ngo yihanganye kugira ngo twihane azosange twambaye imyambaro Yera n’ibikorwa vyo kugororoka. 

   Tugire umwete wo kwubaka ya mazu azoba aturindiriye mw’ijuru, nivyo bikorwa dukorera Imana. Ayo mazu azoba atandukanye selon imirimo twakoreye Imana igendana n’ukugorororoka kuko ushobora gukorera iyo mirimo ariko idafatanije n’ukugororoka bizocika ubusa.

   Ibimenyetso bigaragaza ko ari igihe c’iherezo. 2 Thim. 3: 1-5

Ibimenyetso yaba ibi canke ivyo Imana yahishuriye abavugishwa n’ Imana batandukanye, turamaze kubibona. Ingwano zitavanako, aho ca kizira cishikiye ahera h’Uhoraho n’ibindi biriko biraba. Daniel 12:1,3

 Ukwitegurira ukugaruka kwa Kristo. 2Pierre 3 : 11-15

 Imana idusaba ngo ni tugire umwete wo kuzosangwa mu amahoro,tutagira ikirabagu, tutariko umugayo imbere yayo.

 Twirinde kandi ntidukengere iyiriko iratubwira. Turifate nkankama twitegurire Umwami wacu azosange twiteguye niyaza kudutahukana.

   

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s