Dufise Imana itubabara.
Mugihe ca Kera Imana yagiye itwereka ingene yagiye itabara abantu bayo, mu gihe cose bategwa n’ayandi mahanga, canke mu gihe bayivako bagasubira inyuma, bagatsindwa n’abansi babo, bakajanwa mu mahanga arinyagano.
Si henshi bagenda bavuga kubigeragezo canke ku burwayi bw’umuntu 1. Ariko kuva Yesu Kristo aje mw’isi hatanguye guhishugwa ivy’umuntu 1, kuko yaje kugiti c’umuntu. Ariko uwo muntu agatuma n’abiwe canke n’abandi bamwuronkerako umugisha.
NB: Niho ijambo ryo kwizera ryahishuriwe cane kuko nikwogutuma umuntu abona ico asaba Imana, akabona ivyamwa vyo kwizera n’imbabazi z’Imana n’ukugira neza kwayo. Tukabona n’ubushozi buri mw’ijambo ry’Imana, ariryo ridutuma twizera. Yohana 11: 20 – 27 & 39 – 42 ; Uwizeye Yesu Kristo wese ntazopfa kandi naho yoba yarapfuye azobaho. Kuko niwe kuzuka n’ubugingo. Luka 19: 1-10 Zakayo yatabawe kuko yarafise umutima ushaka kubona Imana, kandi amaze kubona Yesu yaciye yihana arahinduka , nawe aramurarira amukizanya nabo munzu yiwe bose. Luka 18 : 35-43
Ibanga rya Yesu Kristo nuko akorana n’imitima gusa imushaka kandi imurondera. Ntakorera mukivunga, n’umuntu yugurura umutima akamushaka. Luka 17 : 5-19 Ntakindi idushakako tugira imitima yejejwe kandi ica bugufi yizera Imana. Yaje ngo tumwizere adutabare, natwe dutabare abandi mugihe ciwe.