Amasezerano y’Imana atera ivyizigiro.
Uhoraho Umami Imana yaduhaye amasezerano kugirango uryizera wese abariryo rimubeshaho. Nico gituma umwigishwa wa Yesu Kristo Petero yavuze atoi mfise ijambo ryahanuwe kandi rigenda rirushaho gukomera. Yongera aravuga ati muzoba mugize neza nimuryitaho rikamera nk’itara rimurika mu kuzimu.
Ntakindi Imana yaduhaye ngo kidukomeze atarijambo ry’Imana, harimwo ububasha bwa Mpwemu Yera. Esiteri 3: 8-11 ; Esiteri 4 : 13-14. Imana yakoresheje Esiteri mugutabara ubwoko bwabo kubwaho yari yaramushize mungoro. Nico gituma ahuri hose canke ahukora nahuba hose no mugihugu urimwo, harico Imana igomba kuhagukoreshereza, niwaca bugufi ukemera , ndetse ugashobora guca nomuguhakwa gutakaza ubuzima kubwo gutabara abandi. Kandi aho hose uri ukomezwa n’ijambo ryabikugize. Nico gituma umuntu wese akwiye kwitonda akizera cane iryo ryambo ryahumetswe n’Imana kuko Satani ntawe atinya. Yaba abasaza babakuze canke abana, umuntu wese acambaye umubiri ari kurubuga rwa Satani.
Ariko ikinezereza Imana n’umutima uca bugufi kandi wihana. Uwo mutima niwo gusa uzobona Imana. Nico gituma umuntu azoja mw’ijuru nufata umwanya mwiza wo kwihana.
Dawidi yarafise amasezerano ku Mana yiwe, yarafise ijambo ryahanuwe niryo yahagazeko. Ariko Satani yamurondera hasi hejuru ngwamutware ubugingo. Kubw’umutima wo guca bugufi, akubaha Imana yiwe Akaba mubuzima bw’ukwezwa naho yabayakoze icaha, vyatumye rusha Sauli yamuhiga amavuta no kugororoka. Imana yiwe iraza ibana nawe. 1 Samweli 24: 1-6 & 17-20. Sauli naho yamuhiga afise ingabo nyinshi cane ntiyigeze amuronka kuko yararinzwe n’Uhoraho. Nico gituma ufise ijambo ry’Imana muriwe akarihagararako, akarigendera, Akaba mubuzima bwejejwe, ntakabuza amasezerano yose y’Imana azomushikako. Rero umuntu wese Satani aramuhiga ngwamukoreshe ivyaha, utaravye imyaka ufise, kuko ntawe atinya. Ariko niwaguma kwijambo, uzonesha. Kuko ijambo ry’Imana ririvuga, ririkwiye, ririhanura ntamuhanuzi ariruta ndetse ntanuworisigura kuruta ukwo ryisiguye. Ntan’umuntu akomera ariko niryo rikomeza abizera. Nico gituma Dawidi yabaye Umwami wa Isirayeli, Sauli nawe nimgoma yiwe igakugwaho. Bera maso rero amavuta yawe.
Yesaya 54 : 10 – 17. Ijambo Imana yakuvuzeko ntana kimwe gishobora kurihindura. Kuko intambara zose zikugwanya iyo uhagaze neza, ukaba mubuzima bwejejwe, vyose Imana irabikugwanirira, ikaguha inkomezi muri vyose, kandi intsinzi ikaba iyawe bitakuvuyeko, ariko bivuye ku Mana yavuze.