Dutumbere Yesu wenyene: Ubutumwa bwo ku wa 06/10/2018

Dutumbere Yesu wenyene.

Yesu Kristo yaje kudukura mwibohero ry’Abadayimoni, aduha umwidegemvyo w’abana b’Imana. Nico gituma muri y’isi abana b’Imana tunigana mu buryo bw’ impwemu, ntitunigana nivyo tubonesha amaso naho vyishushanya muburyo buboneka. Kuko n’impwemu zigwanya ubugingo tunigana nazo.

Nico gituma Imana yaduhaye amasezerano nkikizirika umutima kugirango ntidutinye, ahubwo twimenye, tumenye neza nuwa duhamagaye kandi ariwe anatugwanira. Kuvayo  14: 10-25 Imana yakuye Abisirayeli mugihugu ca Egiputa ibakujeyo ukuboko gukomeye. Babona ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye, ariko bari murugendo Imana ikomantaza umutima wa Farawo ngabakurikire n’ingabo ziwe zindobanugwa mubahize n’imikogote n’amafarasi. Abisirayeli Imana niyo yabarongoza inkingi y’igicu kumurango mwijoro ikabaja inyuma ikabamurikishiriza inkingi y’umuriro. Ariko bobo baravye inyuma yabo babona Farawo n’ingabo ziwe abakurikiye, imbere yabo naho hari ikiyaga gitukura. Babona ivyo amaso yabo aberetse bibagigwa ubushobozi bw’Imana bwabahagurukije muguhugu ca Egiputa. Imana ishaka dukure amaso kuvyo tubonesha amaso nivyo twumva, tuyahange Yesu Kristo wenyene. Niho Imana yaciye ibarira Mose gutunga inkoni hejuru y’ikiyaga gitukura, amazi acikamwo 2 bajabuka nkabajabuka kumusozi. Farawo ningabo ziwe bose, Imana ibateranirizako ya mazi.

Icatuma Mose akomeza Abisirayeli nuko yarazi Imama yavuganye nawe, ningene yabonye ubushobozi bwayo muri Egiputa. Mose yari yarisobanukiwe, yimenya uwariwe nuwa muhamagaye kandi ariwe yamuhaye amasezerano, bituma ahagarara ashikamye adatinya ikintu na 1. Kuko yarazi neza adakekeranya Imana ibarongoye kandi irikumwe nabo.

1Abami 17: 1-7 Umwami Ahabu ari kungoma bashikanira BAyali amashikanwa bakayosereza imibavu kumpinga yimisozi. Bakavugako ariyo ibaha imvura nibindi vyose, aba ariyo mana bashimira. Umusavyi w’Uhoraho Eliya yari yarisobanukiwe neza cane, agakunda Imana yiwe asavye ariyo Mana nyenijuru n’isi. Uburake buraziriringa kukungene bakengereye Imana y’Abisirayeli. Agenda kuraba Ahabu umwami w’Abisirayeli, aramubwira ati kwatakime cank’imvura izokwigera igwa muriyo myaka atariwe abivuze. Uhoraho Imana y’Abisirayeli nayo ica iramubwira ngo ahunge ahave aje ku mugezi Keriti ahahera i burasira zuba bwa Yorodani.  Iramubwira kwizomurungikira ibikona Akaba arivyo bizohora bimuzanira ubutsima n’imboga. Ntayakekeranije kuco Imana imubwiye yabikoze kuno.

Nico gituma mwene Data icerekezo cose Imana ishobora kugucishamwo naho woba ubona ko bigoye, wewe genda kuko irikumwe nawe. Ntishobora kugutererana canke canke gwiguhebe, kuko urumuntu itohomba kuko yakubonye kuruwigiciro munyonga ziwe. Nico gituma situation yose urimwo icukeneye n’ukwisobanukigwa, ukizera nuwaguhamagaye ariwe arimbere yawe akurongora iyuja hose, ugahagarara udatsinzwe mukintu na kimwe. Uwamaze kwisobanukigwa n’ukumenya intumbero yagakiza kiwe Yesu yamuhaye niwe adashobora gutsindwa mukintu na kimwe, kuko uwaduhamagaye aturongora niwe yanesheje muri vyose.Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s