Kubaho ubuzima burongogwa na Mpwemu Yera: Ubutumwa bwo ku wa 22/09/218

Kubaho ubuzima burongogwa na Mpwemu Yera.

Yesu Kristo yatuzaniye agakiza agaha abamwemeye bose kandi bakamwizera. Kugirango uri muriwe wese ntaze atsindwe n’urubanza. Kuko yatugize abakiranutsi b’Imana. None ibanga ry’inkomezi zabakiranutsi ziva hehe? Ubushobozi bw’Imana bwihishije mw’ijambo ryayo. Ntahandi dukura inkomezi n’ubwenge bwo muri Mpwemu no kwizera gushikanywe atari mw’ijambo ryayo; kuko niho hanyegejwe ibanga rya Mpwemu Yera n’ubushobozi bw’Imana twahawe. Yohana 7: 37-39  ; Yohana 16: 13-14  ; Abanyef. 1: 15-23

Birakwiriye cane gose yuko umuntu wese yagiriwe ubuntu n’Imana yemera kurongogwa na Mpwemu Yera kandi ntitubifate minenegwe, kuko mu buzima ru Kristo, muvyo duhura navyo ntitugwana mu buryo bw’umubiri ariko tugwana muburyo bwa Mpwemu Yera. Ivyakozwe n’Intum. 4: 7-12 Intumwa Petero na Yohana bakoreshejwe na Mpwemu Yera mugukiza ikimuga cagenda kinyogomba, ariko bahaguruka kubagwanya cane bagoba kubica, bababaza ikibakoresha ivyo. Ariko bo kuko bari buzuye Mpwemu Yera bahagarara bashikamywe bashingira intahe izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.

Nico gituma dukwiye kwugurura imitima yacu Mpwemu Yera akinjira akadutahuza neza ivya Yesu Kristo izina rihambaye. Kandi ntibashoboye kubanesha.  Kuko ntushobora gutahura ivya Mpwemu Yera canke ivya Kristo, Mpwemu Yera atakurimwo ngwagutahuze.  Niho urimwo Mpwemu Yera, arongogwa na we kandi akaba mubuzima bwo ku nesha kuko s’umwana w’umuntu afise ububasha, ariko ni Kristo aturimwo kandi yahawe ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi,  niwe akorera muri twebwe abo yatoranije kandi bamwizeye.

Umuti wo kudapfa n’umwe nukurongogwa na Mpwemu Yera. 1 Samweli 4: 1-11  ;            1 SAmweli 5 : 11-12 Imana mugukora ikintu iba igomba kwiyubahisha ubwayo. Aba b’Isirayeli bagwanije Abafilisitiya barabanesha babicamwo abantu ibihumbi vyinshi, kuko bo bibwira ngo n’ubwoko bw’Imana ariko ntibari bejejwe ng’Imana ibane nabo murugamba ibaneshereze. Ndetse n’Isandugu y’Uhoraho imaze kubashikamwo ntiyabatabaye kuko Imana ikeneye cane imitima, nabo bari banduye. Ariko Isandugu imaze kugigwa inyagano, Abafilisitiya bayitwaye hapfuyemwo abantu benshi cane bo n’ivyago vy’indwara vyinshi kuko Isandugu y’Imana yari muribo. Nico gituma Imana mugukora ikintu iba igomba kwiyubahisha ubwayo.

Reka tubeho mw’ijambo ryayo, tumenye ingene Imana ikora. Bitabaye gutyo, uzorindwa niki utagira ijambo ryayo ngo rikubemwo rigwiriye? Uzorindwa niki utagira ubuzima bw’amasengesho ngo Mpwemu Yera avugane nawe kandi anagukoreshe?

Dusabe Imana idushoboze nkuko ubushobozi bwayo buri, kwibera mw’ijambo. Tugwane no kurondera umwanya wo kwegera Imana mugusenga ariho twerezwa bo no mw’ijambo ryayo. Mpwemu Yera aridutahuze kandi adushoboze kunesha mu buzima bwo muri y’isi. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s