Harivyo Imana ikorera abayikunda nabayubaha : Ubutumwa bwo ku wa 15/09/2018

Harivyo Imana ikorera abayikunda nabayubaha.

Iy’umuntu akijijwe ahinduka ihanga ryera, kandi ryatoranijwe n’Imana. Tugendera mu buzima bwubaha Uhoraho Umwami Imana. Muriy’isi hari abagabo, abagore n’abana bahisemwo vyukuri kwubaha Uhoraho , nayo ikagenda iraberekaniramwo ibikogwa vyayo bitangaje. Nico gituma mwene Data ndakubwira ngo birashoboka kwubaha Imana muriy’isi mbi yanduye, kuko vyose nuguhitamwo.

2Ab’Ikorinto 5: 20-21 ; 2 Ab’Ikorinto 6 : 1-2 & 8-10 Intumwa Paul  Imana yingingira  ishengero ry’Ikorinto muriwe  ngo bagume mubuntu bwayo , kuko Yesu Kristo yikoreye ivyaha vyacu, agahinduka icaha kugirango twebwe abatabawe tugendane ukugororoka kw’Imana. Nico gituma tugenda duhura na vyinshi kuko turongogwa n’ukwizera, ndetse n’amarushwa nayo. Ariko vyose turinda imitima yacu. Ntaco bivuze amazina yose bokwita canke nivyo bokugereranya, ariko ikibiruta vyose n’Ic’Imana ikubonamwo. Affaire yo kwubaha Imana no kuyikunda ni personnel( kugiti c’umuntu).

Nico gituma  umuntu wese akwiye kumenya neza kandi atahure yuko harivyo Imana ikorera abayikunda bakagenda bayubaha muri vyose, ariyo soko y’umugisha nyakuri no gutabagwa. Haba mu mashure, mukazi, mungo ndetse no mubuzima bwa misi yose. Nico gituma ijambo ry’Imana ritubwira ngo uwubaha Imana afise ubwenge bushitse kandi, kandi niryo tanguriro ry’ubwenge nya bwenge. Niryo ritubwira ingene Aburahamu yubashe Imana nayo ikamuha icubahiro. Yari yaratahuye nezako ivyafise vyose nivyo yiteze atahandi biva Atari k’Uhoraho Umwami Imana. Amaze kwubaha Imana nayo yaramwubashe ndetse imuha amasezerano. Itanguriro 14: 21-23 ;     Itangur. 15 : 1 Ntiyemeye ivy’umwami w’Isodomu kuko yategerezwa gutwara abantu Imana yamuhaye, ariko ibintu vyuwo mwami nta na 1 yemeye kuko yarazi neza iyo umugisha wiwe uva. Imana nayo vyarayinezereje , ahubwo ijambo ry’Uhoraho riza kumuhumuriza, ahabwa n’amasezerano kuko yubashe Imana.

1 Samweli 2: 30 & 25. Ijambo ry’Imana riradusaba kudacumura k’Uhoraho kuko ntawoshobora kutuvugira imbere yayo. Nico gituma Eli abahungu biwe bacumuye ku Mana mubuherezi bari baratoranirijwe, ariko ntiyabatesha canke ngabahane, bibabaza Imana kuko bayikengereye, Ibakura mumasezerano yabo nababo bose. Iravuga kuyubaha ariwe izokwubaha, ariko uyikengera nayo izomukengera. Iyo wubaha Imana ugira kwirinda cane kuko wanka kuyicumurako no gukora uko wigombeye nayo itarimwo. Abacamanza 13: 12-14 ; Nico gituma Manowa yabajije Umumalayika w’Uhoraho uko bazogenza uwo mwana Imana ibasezeraniye, nico azoba?

Imana yanka cane ubwibone bwo mu mutima ariko inezerezwa n’abaca bugufi bakayubaha, nico gituma umwami Nebukadineza Imana yamurungitse mw’ishamba imyaka 7, gushika igihe cashinzwe gishitse, akenge kagarutse , yubaha Uhoraho Imana, arayihimbaza, arayitazira , amenyako Uhoraho ariyo inganji yayo itazokwigera ihangura. Nico gituma mwene Data ukwiye kumenya uwuriwe kugirango umenye umunerezero wawe ahuva, naho imigisha yawe  n’abagukomokako  aho iva yose.

Kwubaha Imana nintsinzi muri vyose. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s