Kugira umutima umenetse uca bugufi kandi wihana.
Yesu Kristo yaje gutoranya ishengero ryiwe, aduha umutima musha, ahindura imibereho yacu, kugirango tubeho turab’Imana. Duca bugufi tukarongogwa na Mpwemu Yera. Zaburi 25: 9-11 ; Imigani 28 : 13-14
Yaje gutegura umugeni, atwereka inzira, kuko inzira zose z’Uhoraho n’imbabazi n’ukuri. Nico gituma ku musalaba ntakindi yajanyeyo Atari ivyaha vyacu. Amaraso yiwe ayamena kugirango abariyo atwoza ivyaha vyacu. Dawidiyarafise bene se , ariko umutima wiwe warutandukanye cane nuwa bene se. Yarafise muri we guca bugufi no kwihana, arivyo binezereza Imana. 2 Samweli 12 : 11-13 . Nicogituma yihana cane niyo yacumuye agashikira abakozi b’Imana akihana numutima wiwe wose. Nabo bakamwaturako imbabazi zayo. Yaremera kandi agaca bugufi akihana ivyaha vyiwe vyose.
1 Yohana 1 : 5-9 Imana idusaba kwatura ivyaha vyacu; kuko yahaye ububasha abakozi b’Imana kubabarira abihanye. Ndetse no kubabohora mubibaboshe vyose. Matayo 16: 18-19 , Matayo 18: 18 ;
1 Samweli 15 : 24-26 Kubwububasha Imana yahaye abakozi bayo vyatumye Samweli atababarira Sauli naho yazisavye yinginga, kandi ntazoyahawe ; Luka 17: 1-4 Kandi nabaducumurako iratubwira ko tubababarira badusavye imbababazi. Ivyo vyerekana umutima utinya Imana kandi uyikunda ukayubaha. Kuko wanka icaha, ukagira kwihana ndetse no kubabarira abatugiriye nabi. Sico gusa nivyiza cane ko tunibohoza ingeso zose zatunaniye guheba, nazakamere twisangamwo zitari nziza, arizo zituma tuguma twisabga muvyaha. Abakozi b’Imana yabahaye ububasha bwo kudusengera bakazisambura zikatuvamwo.
Niho tuzogendera mubuziba bwejejwe, butagira icaha, kandi amaraso ya Yesu akatwoza nikindi caha cose. Tukabaho twiteguye nk’umugeni wa Kristo, turi mu buzima buhimbara Imana. Amen.