Kubaho ubuzima bwejejwe.
Abamaze guhitamwo Yesu Kristo, ic’Imana idushakako nukubaho ubuzima bwejejwe, nico c’ibanze idushakako. Mumashengero y’Imana harimwo abantu benshi, ariko ababaho ubuzima bwejewe, babayeho birinda icaha ni bake cane, kandi arico cazanye Yesu Kristo.
Imana idusaba kwitoza kubaho ubuzima bwejejwe, tugahinduka ku musi ku musi mu ngeso zacu zose m\no muri za kameremere kacu. Tukagira kwatura icaha no kukivamwo, kugirango ivyo dukora bihimbare Imana. Abaheb. 12: 1-2 & 14-17 Yesaya 58: 1-4. Abakijijwe bashaka kuba mungoro y’Imana banduye ku mitima yabo, batihana ngo bezwe n’amaraso ya Yesu Kristo. Ariko ijambo ry’Imana ryatubwiyeko utejejwe atazobona Umwami Imana. Ubuntu bw’Imana buzosozegwa no kuja ku muhamagaro wo kuja mw’ijuru. Nico gituma Imana itihanganiye abantu bariko basenga ndeyse banisonzesha, ariko ntiyashoboye no kubumvira ngwibishure kuko imbere yayo bagirizwa n’ivyaha bakora kandi ar’abana b’Imana. Ibatumako ngo babanze biyambure ivyaha vyabo babone kuyihagarara imbere basenga.
Bazomera nka Esau yaguranye kuba samuragwa isahani imwe y’ibiharage kuba samuragwa. Kuko banse gucika kungeso zabo zibatera gukora icaha. Ingeso nikintu kidapfa , ariko kiraraba gusa, kironse ikivomerera kirarabuka, icaha kikagaruka. Nico catumye PAUL yinginga abantu ngo batange ishengero ngo butange imibiri yabo ibe ibimazi bizima vyera , niho kuyikorera kwabo kwogirikimazi, niho kuyikorera kwabo kwogira ikimazi munyonga z’Imana. Itanguriro 35: 1-5 ; Zaburi 32 : 1-2 & 5-6
Ntushobora gukorera Imana ngo biyihimbare utagira ubuzima bwejejwe. Kuko haba kwezwa no gukora. Bivugako ivyo dukora atakwezwa kurimwo ntaco bigira Imana, kuko icikeneye n’imitima. Ahandi izovugango mva imbere sinabamenye. Imana yemereye Abeli kuko yabanje kuyiha umutima. Bituma ibikogwa vyiwe vyemegwa imbere yayo. Aba Kristo bashaka kuba mungoro y’Imana ariko ntibahunge icaha, barakigumbi ntibaciyambure ngo bature bihane bezwe.
Yesaya 35: 8-10 , Kuba mu buzima bwejejwe n’ukugira ubusabane n’Imana ahuri hose, ukarinda umutima, ukaba mw’ijambo ry’Imana, ubuzima bwawe bakabubonamwo Imana. Kuba mu buzima bwejejwe n’ukwiga ukuntu uca mu bigeragezo ukabivamwo udacumuye ku Mana yawe. Daniel 6: 22 ; Daniel 12 : 3 &13 . Daniel yabaye umwizigigwa agumana ukwezwa mubigeragezo vyose yaciyemwo ntiyacumura ku Mana yiwe. Imana imubwira ngo arindire iherezo ryiwe, kuko azoruhuka, kandi azohagarara mumugabane wiwe. Amen.