Kumenya imigenderere y’Imana n’imikorere yayo: ubutumwa bwo ku wa 18/08/2018

Kumenya imigenderere y’Imana n’imikorere yayo.

Ishengero ry’Imana turakeneye kumenya iyo dukura kumenya no gutahura. Tukamenya inyigisho nzima aho ziri niyo ziva. Kuko Imana yaduhaye igitabo c’ivyagezwe kirimwo n’intumwa z’Imana n’abavugishwa bayo, batubereye akarorero, tukahamenyera ukuri kw’Imana n’ubushobozi bwayo ndetse tukahigira n’imikorere yayo, tukiga  ingene dukwiriye kwitwara no kubaho. Yesaya 29: 1314 , Yohana 12: 20-30  . Abantu benshi bashaka inyigisho bigishijwe n’abantu, ariko ntibashaka ukuri kuzima kwahumetswe n’Imana, kuturongora munzira y’ukuri yoguca bugufi no guhinduka. Nico gituma usanga abantu benshi bakunda icubahiro, bashaka ( kuba populaire) kumenyekana cane mubantu, ngo bamenywe bavugwe cane, bahabwe intebe. Ariko ico n’ikintu Imana yanka cane. Kuko n’impwemu y’ubwibone. Abagiriki barondera kubona Yesu Kristo, ntiyemeye ko bamuraba ataraja mubwiza bwiwe. Kuko aho niho umubonye yaba abonye Data. Kuko yarakiri mumubiri, akeneye gupfa mumubiri ngo yambare ubwiza yahoranye, kugirango ubwiza bwiwe bumenywe n’abantu bose. Nico gituma ariwe yatubereye akarorero, niwe nzira n’ukuri n’ubugingo. Natwe ntakindi Imana yo mw’ijuru idushakako, ataruguca bugufi, tukabanza tugahindugwa n’ijambo ryayo, rikatujojanga, rikadufinyafinya, tukavamwo vyabindi vyose bidutera kutubaha Imana no kuyiha icubahiro ikwiriye, tukavamwo abantu bazima Imana yo mw’ijuru ibonekaniramwo, izina ryayo rigahabwa icubahiro. 2 Abami 6 : 16-19 23 Umuvugishwa n’Imana Elisa Imana yamuburira igihe cose ibigiye kuba, ndetse nigihe Abisiriya bashaka gutera ubwoko bwayo vyatuma Imana imumenyesha ibibera ku kigwa nawe akabishikiriza Umwami w’Abisirayeli. Ariko umwami w’Abisiriya arungitse abamufata, we Imana ntiyabimuburiye kuko yashatse kwico Elisa afise cama, giseruke , ariyo maso ya Mpwemu abona ivy’aamaso y’umubiri atabona. Yasengeye Gehazi umukozi wiwe kugirango Imana imuhumure amaso abone abarikumwe nabo. Elisa yabasutsemwo uruhunyi, abashira Umwami w’Abisirayeli, amubwira ngwabagaburire bisubirire Kwa ashebuja, ntiyemeye ko babica naho we bari bagiye kumufata.  Mwene Data bwira Imana igukore ku maso ubone ivya Mpwemu, igukore ku mutima ubone gutahura ivyayo. # Ntushobora kugera kurugwo rugezo utaremera guca bugufi ngw’Imana ibanze iguhindure. Abaciye bugufi n’ibo babona ugukora kw’Imana nzima, kandi niho iba muribo. Kuko uca bugufi mumubiri, ukabanza ugapfa ukaduzwa mu kwizera. Nihubonera gukora kwayo, kuko Imana yacu ntiyinyegeje, urahamagara nayo ikitaba, Ntawe yihisha ayironderanye umutima utunganye. Itangur.50: 19-20 Yose yarimwo urukundo rwinshi cane rwamutuma adashira umutima na gato kuvyo bene se bamukoreye. Ahubwo yawushira kugukora kw’Imana , n’imigambi yayo kubwoko bwayo. Abo tubona bagiye babonekamwo igishingira intahe Imana, hari ibintu 2 tubabonamwo: Urukundo rwinshi n’ukwizera gukomeye. Reka natwe tubisabe Imana kandi iduhe nibiranga uwizera, nibiboneka mu rukundo ruva ku Mana. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s