Ijambo ry’Imana n’itara rimurikira ibirenge vyacu.
Niryo Data yaduhaye ngo rishobore kutwigisha no kutumurikira ngo tugendere munzira y’ukuri. Dutahure neza urukundo nyakuri Imana (yacu) yo mw’ijuru, yadukunze. Niryo ritumenyesha neza umutima w’Imana n’imigambi yayo ku bantu bayo. Ivyak. n’Int. 26: 16-23 ; Yohana 7 : 37-39 ; Zaburi 119: 105-108 & 9-11 Yesu Kristo yiyeretse intumwa y’Imana Paul, kugirango agende arahumura amaso abataramumenya. Ababere umuco ubajana mu nzira y’umuco. Arikwo ku menya Imana n’inzira zayo. Nico gituma umu Kristo wese yamaze kumenya Kristo akwiye kugwana intambara Yera yo gushika mu rukundo nyakuri rwa Kristo Yesu. Nkuko Paul yabikoze akagenda abwira abantu bari mubihugu bitandukanye ubutumwa bw’iza bw’Umwami wacu Yesu Kristo . abahambaye n’aboroshe, akabakura mu mw’ijima akabashira mumuco, bakamenya ukuri kw’ijambo ry’Imana, Yagize urukundo rwinshi kugirango abantu benshi batabagwe. Fil. 2: 5 Zaburi 62 : 5-8 & 11
Nkuko Dawidi yasaba Imana ngo imukomereze mu nziza zayo, yarafise n’ijambo rigwiriye muriwe kandi ry’uzuye urukundo n’ukwizera Imana yiwe. Nico gituma rwa rukundo rw’Imana rwamurimwo. 1 Samweli 17 : 45-47 Kugira ijambo ry’Imana rigwiriye kandi uryizeye niyontsinzi yo mu buzima bwawe. Ntaco ubaho utinya canke ngo wihebe. Ahubwo wongegwa inkomezi n’amavuta. Umuriro w’Uhoraho ukakubamwo. Kuko wubakiye kw’ijambo ry’Imana, umuriro w’isi urazima. Dawidi ntakindi camurimwo ataruko yarafise ijambo rizima ry’Uhoraho kandi akizera vy’Uhoraho n’umutima wiwe wose. Ntiyatinya na gato kuko nta mwijima wamurimwo atarumuco wamwemeza ubushobozi bw’izina ry’Imana y’Abisirayeli. Niryo ryubaka umuntu kandi rikamukuza. Rikamukomeza mukwizera, rikaguhishurira n’ivyikinze, ukabona ingene Imana yagiye igirira neza abana bayo bayirondera n’imitima yabo yose. Rikubera ikigwanishwa gikomeye kuko n’inkota n’umwampi bitsinda mu buzima bwawe. Iyo waryakiriye ukizera vy’ukuri n’umutima wawe wose bituma atakigutsitaza kubw’Imana wamenye kandi ukagenda utabagwa muvyuhura navyo vyose kuko umenya ikibi n’iciza. Ikibi ukacirinda kugikora, Imana nayo ikabana nawe. Ukagira intsinzi ikomeye kandi nabandi bagatabagwa kubwawe, ndetse bakanizera niyo Mana bakubonanye. Amen.