Utange (urihe) ikiguzi cose gikenewe
Abatoranijwe bose n’Imana kuba ihanga ryayo, yabahaye ubutunzi bukomeye bubakoreramwo . Ariko vyose biva ingene witanze mugucisha umubiri wawe bugufi kugirango ukuyikorera kwawe kwemegwe. Abaroma 12: 1-2. Yesu Kristo yatuzaniye agakiza gakurikigwa no kwezwa. Arivyo bigora cane aba Kristo. kuko abantu barashaka gukizwa ariko ntibashaka kwezwa. Kuko kwezwa bisaba ikiguzi co gucisha bugufi imibiri yacu, ikaba ibimazi bizima arivyo bihimbara Imana. Niho kuyikorera kwacu gushimwa n’Imana. Ivyah. Yohana 19: 7-9 Nivyo bikogwa vy’abera tuzoshikana imbere y’Imana, nivyo tuzokwambara nkumwambaro wera imbere y’Imana.
Nico gituma mugakiza dusabwa guhinduka gose, tukama ivyamwa vya Mpwemu Yera. Ivy’Imana yatubitsemwo kandi umwami w’isi atabinezereregwa na gato nico gituma abantu bagwanya abafise izo ngabire nziza . Dawidi yarimwo ubutunzi bwinshi, nicogituma benese bamugwanya cane na Sauli nawe yahavuye gomba kumwica. Icurimwo ubwami bw’isi burakigwanya. Mugihe civuka rya Mose abana bose bavuka arabahungu barishwe kuko yarondegwa afise ubutunzi bukomeye muriwe. Imana imaze kumutoranya yatanze ikiguzi cose kugirango ingabire ziwe zose zikore. Nigihe ca Yesu Kristo niko vyagenze abana bose babahungu barishwe kugirango bakureho Umwami w’isi yose. Ariko ntaco bashoboye kuko ntawubuza Imigambi y’Imana. Niko naba Daniel naba Yosefu bagwanijwe cane bagahakwa no kwicwa kukw’isi yagomba gukuraho imigambi y’Imana. Rero nawe niwewe utegerezwa kubibera maso, ugacisha bugufi umubiri wawe, ugakora ukw’Imana ishaka kandi yaguhamagaye mugito no mukinini. Niho uzogira ico wirata kugiti cawe ubwawe atari kubwabandi ukazokwambikwa impuzu zera zo kugororoka kubwikiguzi c’urukundo rw’Imana wakiriye. Abigalatiya 6: 1-10 : ntidushobora kuvuga ngo turakorera Imana canke ngo turi mumugambi w’Imana kandi dukora ivyo twigombeye kandi abandi bagapinza n’ijambo ry’Imana ngo ntibaravyumva. Nayo iratubwira ngo ntituzimire Imana yo nticokogwa, rero suzuma ibikogwa vyawe ubwawe. Ubemwo gutinya izina ry’Imana no kwubahiriza ivyagezwe vyayo niho ata rubanza ruzogutsinda kumunsi wa bwa bukwe. Dukwiriye kwumenya no kwibuka cane yuko Iyo turiko turaja haruta cane ivyo turiko turacamwo uyu musi. Nico gituma tudakwiriye guha agaciro ivy’umubiri, kuko tuzi yuko tubikiwe ibikomeye mw’ijuru. Ukamenya neza kandiko uriko uritanga mu murimo w’Imana, nayo irakugwanirira muvyucamwo muriyi si. Amen.