Gutera intege abakorera Imana : Ubutumwa bwo ku wa 30/06/2018

Gutera intege abakorera Imana.

Yesu Kristo yaduhaye ijambo rizima ridukomeza mu gukorera ubwami bw’ Imana. Kugirango abubaha Imana ntibadendebukigwe. Gusub. Vyag. 31: 6-8 & 23   ; Yosuwa  1: 7-9. Mose umusavyi w’Uhoraho yakomeje Yosuwa yaragiye kumusubirira mu gishingo , yarazi neza kurugendo atanguye rutoroshe kuko nawe yarubayemwo. Kuko yategerezwa guhuriramwo n’Intambara nyinshi n’ibibazo bitandukanye. Nkuko nawe vyamubayeko. Mose yagendana n’Imana , agakora ivyimubwiye vyose akagwiza inkomezi, Imana ibana nawe arangiza urugendo rwiwe amahoro. Imana nayo yivuganira na Yosuwa ubwayo, imukomeza mumajambo yacishije mu musavyi wayo Mose. Kugirango umuntu ashobore gushikama mugukorana n’Imana, nuko uyirutisha ibindi vyose. Ukaba ariyo utinya kandi wubaha. Ukagira kuyumvira, ukayicira bugufi mu mutima, ukayiha icubahiro, ukanayigihesha kurusha ibindi vyose. Ukaba ariyo ugirira ishaka kurusha vyose. Kuko uko ubikora nayo ibana nawe. Ibona umutima uyikunze ikawunezereregwa, ikiganza ciza cayo kikakubako, amasezerano yayo ukayabamwo.

* Nigiki catuma bubaha Imana, bakayihindira agashitsi imbere bakirinda kuyicumurako, bakayisenga bayubashe?   – Nuko bari barayisobanukiwe, bayizi neza, ntibayikekeranyekongo batwagwe canke ngo bateshagizwe n’imiyaga ihuhuta impande zose. Nehemiya 1 : 4-5         Nehemiya 2 : 9-10    & 17-20. Uhoraho Imana yacu n’Imana igumiriza isezerano n’imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo. Menyako ataco ushobora gukora ciza canke nguciyumvireko ukigiriremwo ishaka kitavuye ku Mana. Nehemiya yagiye gusenga Imana yo mw’ijuru. Arayirondera n’umubabaro mwinshi kuko igihe co gusanugwa Kwa Yerusalemu cari kigeze. Kuko yagize ishaka ryo kurondera Imana. Ikiganza ciza cayo kibana nawe mukuja gusaba Umwami ngwamurekure amuhe n’ivyete vy’inzira. Ariko ba Tobiya na ba Senibalati , barabateshagiza. Ariko kuko Imana yarikumwe nawe n’ishaka yarafise ryo kwubaka Yerusalemu , yakomeje ishaka ryo kuzunguruka no kuraba neza ingene habaye.

Nawe rero Imana irakubwirako abafise impwemu za ba Tubiya naba Senibalati batari kure yawe. Haba mu muryango wawe canke muncuti magara, ndetse no mukazi ukora. Kandi baza muburyo butandukanye. Igikuru nukumenya neza Imana ukorera. Haraho nizo mpwemu zitazoca. Hari naho izo Mpwemu zica mubitero vy’igwara canke mubibazo vy’ubuzima ariko bifise intumbero yo kukubuza gukorera Imana.  Yosuwa 14: 13-14  & 7-8 Kalebu kuva Mose amutumanye na bamwe cumi n’umwe, ntiyigeze acika intege na 1, yakurikiza ivyagezwe vy’Uhoraho muri vyose. Inkomezi yarafise guhera kera hose nizo yagumanye gushika kumywaka akomorewe igihugu Mose yamusezeraniye bashitse i Kanani. Yagwanye urugamba , akorera Imana adacika intege.

Ivyah. Yohana : 19: 7-8 Umwambaro tuzokwambara ku munsi wa Yesu Kristo n’ibikogwa vy’abera. Amen.

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s