Kugira ubuzima bwubashe Imana.
Yesu Kristo yaje kutumenyesha Data n’icubahiro ciwe. Kuko ico yavuga cose niwe yavuga , ati nkuko Data yantumye niko nabibashikirije namwe. Ntaco yakora atabanje krangamiza mw’ijuru. Nico gituma ijambo ry’Imana ridurumirira kwubaha Uhoraho. Imigani 14 : 26-27. Yobu 1: 1 Yobu yubaha Uhoraho, ahura n’ibigeragezo bikomeye, Imana iramushumbusha ibiheta ngabo 2 ivyo yarafise. Iyo umuntu yubaha Uhoraho aba afise ivyizigiro kubwiwe no kubana biwe. Kandi kwubaha Uhoraho bituma umuntu ava mubigabitanyo, akava mumutego w’urupfu. Yosefu yubashe Imana yamasezerano yanka kwiyanduza, ava mumitego y’urupfu , ashika ku masezerano y’Imana. Yeremiya yubaha Imana ashobora kurabanura ivy’ingira kimazi muvy’imbura kimazi, aba igikoresho ciza c’Imana.
Kwubaha Uhoraho n’Iki? Nukuba mu buzima bwanka icaha n’igisa naco. Ukaba mubuzima butinya Imana bwanka nkwiyanduza kubw’Imana yawe. Nico gituma intumbera yagakiza Yesu Kristo yaduhaye, niyo kugendana ubuzima bwejejwe aho turi hose, butinya Imana, butivanga muvyaha, kandi bubera maso ubugingo aho turi hose. Ivyak. n’Intum. 10 : 2 Koruneliyo yubaha Imana yubaha Imana akayitinyana nabo munzu yiwe bose. Nayo imukura mwidini, ahabwa ubugingo budashira n’abiwe bose. Itangur. 14: 17-24 ; Itang. 15 : 1 Aburahamu yubaha Imana yanka kwakira ibintu umwami wi Sodomu amuhaye vyose ntiyatwara nakamwe, kuko yarazi ko kwubaha Imana kwiwe Imana itazobura kumuhezagira. Ndetse nayo ica iraza imuha amasezerano akomeye kwizomuha impera ikomeye. Umuntu yubaha Imana arinda umutima wiwe, agakunda Imana yiwe kuyirutisha ibindi vyose bibaho. Amenya neza adakekeranya kw’Imana yiwe ariyo soko ry’imigisha yose ariyo mw’isi canke ariyo mw’ijuru. Amenya neza ko hirya y’Imana ata buzima buriyo, ndetse ata n’imigisha ihari. Ico giha uwo mugisha ntawigungana ngwawugumane wenyene, ahubwo amenyako ategerezwa kuwuheshamwo Imana yiwe icubahiro. Imigani 3: 9-10. Abantu benshi bibaza ngo kwubaha Imana nukuja gusenga gusa, ariko hamwe nivyo ibikogwa navyo no gutangira Imana bivuye ku mutima binezereza Imana yo mw’ijuru, ikagushitsako imigisha yasezeraniye abayikorera. Uwubaha Imana agira urukundo rwinshi ku Mana yiwe. Zaburi 111: 10 ; Zaburi 112: 1-4 . Umuntu yubaha Imana niwe agira ubwenge buva ku Mana. Kwubaha Imana = Imbabazi & Imihezagiro. Kandi iyo uyubaha ntutinya kuyaturira na gato kukintu na 1. Ivyak n’Intum. 26: 24-30 Paul yagenda ayaturira mubariko bamucira ugwugupfa , ariko kukwazi Imana yamutabaye urupfu yayivugira adahinda umushitsi na gato. Amen. Twese turakeneye ubwo buzima bwubashe Imana kugirango izina ry’Imana yacu rihabwicubahiro. Amen.