Turakeneye (urakeneye) guhishurigwa Imana gushasha.
Umuntu wese arakeneye gushira mwo umwete mukurondera Imana no kugirango ayihishurigwe. -Nta muntu n’umwe azokwigisha Imana. – Nta muntu n’umwe azoguhishurira Imana. Ukwizera kwonyene nikwo gushobora kuduha guhishurigwa Imana kubwa Mpwemu Yera yaduhaye. Intumwa za Yesu Christo zagendanye nawe imyaka 3 ariko bamuhishuriwe aruko bujujwe Mpwemu Yera. Akamubahishurira. Matayo 8: 5-13 Umugabisha w’abasoda 100 yarumunyamahanga, ariko yarizeye bikomeye, ahishurigwa ububasha n’ubushobozi bikorera muri Yesu Kristo kuko yabibwiwe ndetse Atari no mubwoko bw’Abisirayeli. Amusaba ngwaje kumukiriza umuhungu, ariko ntiyemera ko bajana ati vuga 1 gusa umwana wanje arakira. Binezereza Yesu Kristo. Ariko ab’isezerano nabo aribo bwoko bw’Abisirayeli ntibagira kumwizera. Bo bari bamenyereye ingene ivyamashengero bigenda, n’urutonde bakurikiza naza programa zose, bakibera mumigenzo y’abayuda , ariko ata guhishurigwa neza ngo bamenye Imana basenga n’ubushobozi bwayo. Mariko 5: 25-34 , Nuwo mugore yaramaze imyaka 12 agwaye umugende wamaraso, ariko yarumvise arizera, avyigana mubantu yiyumvira mumutima ati naho nomukora kubuyonga bwimpuzu gusa noca nkira kandi niko vyamubereye. Kwizera Imana no kuyimenya s’ibintu vya karande, canke vy’amaraso ariko n’ibintu vya Mpwemu.
Menyako ukwizera ufise mu Mana ntibishobora kunyegezwa, biraboneka. Wizeye uradodora nayo ikakwitaba. Ukwumva nivyo biduha ukwizera, ivyidukorera n’ingene itwihishurira bikatwongerereza ukwizera. Kuko n’Imana itinyegeza, uyirondeye arayibona. Nta shili n’1 ishobora kukwigisha kwizera Imanakandi nta muntu n’1 ashobora kugutahuza Imana , Atari Mpwemu Yera wenyene. Nico gituma hamwe nivyo imaze kugukorera vyose, menyako utaraheza kumenya Imana. Itanguriro 15: 1&6 ; Itang. 17: 1 ; Itang . 22 : 14 Sokuruza wacu Aburahamu yagendanye n’Imana, igenda imugirira neza, ariko yama igihe cose imwihishurira gushasha, ngushika naho ayota amazima mashasha bivanye naho imwihishuririye. Yaramubwira kwariyo Nkinzo yiwe, kwari Imana ishobora vyose. Gushika naho nawe yiha amazina avanye no gutabagwa kwiwe. Yaranamweretse kwari Imana idaharurigwa imyaka, canke ibihe, itinya uburemere bw’ibibazo vy’abantu ahubwo kwari ukwizera muri vyose ubushobozi bwayo.
Abantu bakuze muvya Mpwemu s’abize cane ijambo ry’Imana ahubwo n’abashishikaye guhishurigwa ivya Mpwemu bijanye n’ubusabane, ubucuti n’urukundo bakunda Imana. Igaca izana ivyo wigishijwe ikabishira mu buryo bufadika, ikabiha ubuzima, bikagaragarira abantu. Abacamanza 6: 22-24 Gidiyoni yarondeye Imana nayo iraza iramwihishurira. Kwariyo nkomoko y’amahoro. Idahemukira abayizeye kandi ariyo ituneshereza intambara zose, ikatumara ubwoba tuba dufise, ah’Umumalayika w’Uhoraho amwiyerekeye ahita Yehova Shalomu. Mose yagendanye n’Imana imyaka 40, ariko uko yaca muntambara ikagenda ibatabara niko Yayiha irindi zina. Kuvayo 17: 13-16. Niho yayise Yehovanisi. Imana y’intsinzi . Yabakuyeko Abamaleki irabaherengeteza, ntibasubira kubabona ukundi. Kuko niyo idutsindanishiriza. Amazina menshi Uhoraho yitwa n’abasavyi bayo bayayihaye bijanye nukungene yagenda ibihishurira ntawayabigishije. Nawe nanje reka tuyirondere ikomeze kutwihishurira kuko nubu ntihinduka. Reka ntucike intege canke ngumenyere Imana, ahubwo shiruka umwete uyirondere gushasha, kuko muri vyose izokwihishurira gushasha. Uheze nawe uyite izina utumvise kubandi ariko rijanye n’umunezero iguhaye kubwintsinzi no gutabagwa kwawe kuzoyikomokako. Amen.