Kugira ukwizera Yesu Kristo gushikamye: Ubutumwa bwo ku wa 02/06/2018

Kugira ukwizera Yesu Kristo gushikamye.

Imana yaduhaye agakiza kabonegwa muri Yesu Kristo, kugirango tumwizere wenyene n’umutima wacu wose. Kugirango tumwizere tubanza kumumenya kandi tukamwemera. Umuntu arashobora kuba akurikira Yesu Kristo ariko ata kwizera afise. Agashobora kuba anasenga ariko ata kwizera afise. Mariko 16: 9-14. Intumwa z’Umwami Yesu yarazigaye abasanze aho biyugaraniye munzu bariko bararya kuko batemeye ivyo abamubonye bababwiye. Naho nawenyene imbere yo gupfa yari yarabibabwiyeko azozuka, ariko ntibavyizera ngo bavyemere. Nico catumye ababara. Kuko bagendana nawe ata kwizera bafise. Kuko kuba murushengero rw’Imana, ukagira agakiza kadahagaze mu kwizera Yesu Kristo, uba usa n’umurorerezi. Kandi bibabaza Imana cane kuko yaduhaye agakiza kabonegwa muri Yesu Kristo kugirango tumwizere, kuko ariwe atubera inyishu muri vyose. Niwe ugutabagwa kwacu guhagazemwo muvyo duhura navyo vyose. Kuko ukumwizera nikwo kudushitsa kuugororoka tukaronka ubugingo buhoraho, no gutabagwa kwo murububuzima turimwo. Nico gituma ubuzima rukristo buryoshwa no kwizera Kristo.

2 Timote 4: 5-8 &17-18 Iyo ufise ukwizera gushikamye (gukomeye) muri wewe, intambara zose uhura nazo ni Yesu Kristo azaa kuzigwana kandi intsinzi itegerezwa kubaho kuko we yaramaze gutsinda kandi nta kintu na 1 kimunanira. Nico gituma Intumwa Paul yatera intege ugiye kumusubirira mugishingo yarimwo, kuko yabiciyemwo bikomeye ariko hose yagiye abona Yesu Kristo amutabara.

# Ni ryari canke ni gute Imana izotugwanirira canke ikadutabara tutari mu bitero? Nico gituma ukwizera kw’umuntu kubonekera mubihe bikomeye Atari muvyoroshe. Haba mugukorera Imana yo mw’ijuru bitoroshe, haba mundwara  canke mubigeragezo vy’ubuzima umuntu aba arimwo. Aho niho ukwizera gukurira, mugushikama kwawe ntucike intege canke ngo wigwanirire ugahanga amaso n’umutima wawe wose Yesu Kristo wenyene. Aho niho aserukira, Imana igahabwa icubahiro izina rya Yesu rigashigwa hejuru. Yohana 11: 40-41

Yantumye ngo nindakubwire kwari umwizigigwa muri vyose kandi wibihe vyose, we ntananigwa kandi ntadendebukigwa, nico camuzanye kudutabara no kutubera inyishu mu buzima bwacu bwo muriyi si bo n’ubugingo buhoraho.

Abantu bata ivyizigiro bakareka gukorera Imana , bibabaza Yesu Kristo cane, abandi bakayikorera bisunika . Ivyo bibabaza Yesu Kristo caane kuko yatwihaye ngo tumwizera kandi iyo tumwizeye vyukuri kandi umwizeye ntazokogwa n’isoni. Abaroma 10: 10  ; 2Ngoma 20: 15 & 21 . 1- Iratubwira ngo intambara sizacu ariko niz’Uhoraho. 2-Iratubwira ngo nitwiteho ivyayo ivyacu irabibona. Murivyo vyose nyakindi gikora atarukwizera gukomeye gushobora kubidushitsako.

Ukwizera nikwo kuduha : – Kunywana n’Imana. Kugororoka. – Kubona ibitangaza.- Kunesha. – Kuguma mumuhamagaro wawe. Amen.

 

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

w

Connecting to %s